settings icon
share icon
Ikibazo

None umuntu amaze gukizwa azoguma akijijwe gushika kw’iherezo ?

Inyishu


Mbega umuntu iyo akijijwe azokwama akijijwe igihe cose ? Iyo umuntu amaze kwakira Kristo nk’Umukiza wiwe, aca yinjira mu migenderanire n’Imana akaronka icemezo ko agakiza kiwe kazozigamwa ibihe bidashira. Hariho imirongo myinshi yo mw’Ijambo ry’Imana ishigikira ico ciyumviro.

(a) Abaroma 8:30 havuga ngo: "Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza." Uyo murongo utubwira ko guhera igihe Imana iduhisemwo, duca tumera nk’abamaze guhabwa ubwiza imbere yayo mw’ijuru. Nta na kimwe gishobora kubuza umuntu naho yoba amaze umusi umwe yizeye guhabwa ubwiza kuko Imana yamaze gufata imigabo yo kubikora iri mw’ijuru. Igihe umuntu amaze gutsindanishirizwa, agakiza kiwe kaba kiteguye kuboneka – aba ari ahantu hatekanye nk’uwumaze guhabwa ubwiza mw’ijuru.

(b) Paulo arabaza ibibazo bibiri bihambaye mu Baroma 8:33-34 “Ni nde azorega abo Imana yatoranije ? Mbega n’Imana, kand’ari yo ibatsindanishiriza ? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ari we yapfuye ? Ibibiruta yarazutse, ar’ii buryo bg’Imana, bitayekw’aradusengera.” Ni nde azozana ibirego ku batoranijwe ? Nta n’umwe kuko Kristo ari we muvugizi wacu. Ni nde azodutsindisha ? Nta n’umwe kuko Kristo, ari we yadupfiriye, ari we aca imanza. Umukiza wacu ni we muvugizi wacu akongera akaba n’umucamanza.

(c) Abizera bavuka ubwa kabiri (baba ivyaremwe bisha) igihe bizeye (Yohana 3:3; Tito 3:5). Kugira ngo Umukristo atakaze agakiza kiwe, vyosaba ko yobanza agatakaza ukuvuka ubwa kabiri kwiwe. Nta cemezo Bibiliya itanga ko ukuvuka ubwa kabiri gushobora gukurwaho.

(d) Mpwemu Yera aba mu bizera bose (Yohana 14:17; Abaroma 8:9) maze kandi ni we abatiza abizera akabinjiza mu mubiri wa Kristo (1 Ab’i Korinto 12:13). Kugira ngo uwizera Kristo atakaze ugukizwa yaronse, vyosaba ko abanza “gukurwa” no gutandukanwa ku Mubiri wa Kristo.

(e) Muri Yohana 3:15 havuga ko buri wese yizera Kristo Yesu azohabwa “ubugingo budashira.” Hamwe wokwizera Kristo uyu musi hanyuma ukaronka ubugingo budashira, ejo ukabutakaza, ubwo bugingo bwoba butigeze buba “ubudashira” na mba. Nuko rero nimba wotakaza agakiza, amasezerano y’ubugingo budashira ari muri Bibiliya yoba atari ukuri.

(f) Mu gusozera, Bibiliya irabisobanura neza: “Kuko mmenye neza ntakikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubugingo, cank’abamarayika, cank’abaganza, c’nk'ibiriho, cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu” (Abaroma 8:38-39). Wibuke ko iyo Mana yaguhaye agakiza ari yo izokuzigama. Igihe tumaze gukizwa, tuzogumana agakiza gushika ibihe vyose. Agakiza kacu karazigamwe ibihe bidashira!

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

None umuntu amaze gukizwa azoguma akijijwe gushika kw’iherezo ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries