settings icon
share icon
Ikibazo

Mbe Yesu n’Imana ? Yoba yarigeze avyemeza narimwe ?

Inyishu


Yesu ntanahamwe tumubona muri bibiriya avuga amajambo ’Je nd’Imana ’. Muga ivyo ntibisigura ko atigeze avyemeza ! Akorero ni Yohana 10 :30, ’ Jewe na Data tur ’umwe ’. Dukeneye kuraba gusa ingene Abayuda babifashe kugire tumenye ko Yesu yariko yigereranya n’Imana : ’ Bun’abayuda bongera gutora amabuye’ Wewe ur’umuntu ukigira Imana ’Yohana 10 : 33. Abayuda bari batahuye neza ivyo Yesu yariko aravuga- Ubu Mana bwiwe. Mwitegereje neza, Yesu nti yahakanye ko ari Imana. Igihe Yesu yatuye ko We na Data bari Umwe, yariko avuga ko we na Data bafise Ubwoko na Kamere kamwe. N’akandi karorero ni Yohana 8 :58: ’Yesu arababgira ati n’ukuri n’ukuri ndababgira : Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho ’. Abayuda buvyumvise bashaka kumutera amabuye, nkuko amategeko abivuga (Abalewi 24 :15)

Yohana aravuga ’ Jambo yar’Imana ’ kandi ’ Jambo yihaye umubiri ’ (Yohana 1 :1,14). Ibi n’ibigabane vyemeza neza yuko Yesu yari Imana muntu. Ivyakozwe n’intumwa 20 :28 iratubwira ’ Ngo muragire ishengero ry’ Imana , iryo yaguze n’amaraso yayo ’. Ninde none yaguze ishengero- ishengero ry’Imana- n’amaraso yiwe ? Yesu Kristo. Ivakozwe n’Intumwa 20 :28 iremeza ko Imana yaguze ishengero ryayo na maraso Yayo. Kubgivyo Yesu n’Imana !

Toma, umwe mubatumwa , yaravuze ati ’ Mwami, Mana yanje ’(Yohani 20 :28). Yesu ntiyamukosoye ! Tito 2:13 iratudetera intenge ngo turindire ukugaruka ku Mwami Imana , Yesu Kristo (na 2 Petero 1 :1). Raba Abaheburayo 1 :8 ’Ariko,ivy’umwana wayo yabivuze, it ’Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, icumu ry’uganza atunganye .’ Imana Data yahamagaye Yesu ’Mana’, vyemeza ko Yesu ari Imana.

Mu vyahishuriwe Yohana, Umumarayika yabwiye Yohana ngo abe asenga Imana gusa (Ivyahishuriwe Yohana 19 :10). Kenshi, muri bibiriya, turabona Yesu yakiriye amashimwe (Matayo2 :11, 14 :33, 28 :9, 17; Luka 24 :52, Yohana 9 :38). Ntiyigeze yirukana abantu ngo kubera bamu ninahaje. Yoba Yesu atari Imana, Yari kubabuza kubikora , kurya umumarayika mu vyahishuriwe Yohana yabikoze.

Igituma Yesu yategerezwa kuba Imana nuko iyo ataba Imana, Ugupfa kwiwe ntikwari gushobora guhanagura ivyaha vy’isi yose (Yohana 2 :2). Ikiremwa, arico Yesu yarikuba ari yoba atari Imana, nticari gushobora kuducungura. Vyongeye, nta wari gushobora kuriha ingero y’ ivyaha ibidaharurwa Imana Uhoraho yari ikeneye. Imana gusa niyo yarishobora kubikora. Imana yo gusa ni yo yari ishoboye kw’ikorera Ivyaha vy’isi yose (Ab’Ikorinto5 :21), akadupfira, kandi ikazuka, kikaba ari icete k’izima ko Yatsinze urupfu n’icaha.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbe Yesu n’Imana ? Yoba yarigeze avyemeza narimwe ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries