settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku bantu bubakana badahuje urukoba canke ubwoko ?

Inyishu


Ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera vyategeka Abisirayeli kutivanga ngo barongorane n’abantu badasangiye ubwoko canke urukoba (Gusubira mu Vyagezwe 7:3–4). Yamara, impamvu Imana yashizeho iryo tegeko ntikwari kuvangura abantu ku rukoba canke ku bwoko. Ahubwo izo mpamvu ahanini zaturuka ku vya’amadini. Icatumye Imana yarashizeho itegeko ry’uko Abayuda bativanga n’abanyamanga ni uko abo banyamahanga basenga ibigirwamana. Ukurongorana n’abanyamahanga vyari gutuma Abisirayeli baheba Imana bagasenga ibigirwamana. Ivyo ni vyo vyabaye ku Bisirayeli nk’uko tubisoma muri Malaki 2:11.

Mw’Isezerano Risha harimwo itegeko risa n’iryo, ariko ntaho rivuga ivyerekeye ubwoko canke urukoba: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite ? Cank’umuco n’umwiza bifatanya bite ?” (2 Ab’i Korinto 6:14). Nk’uko Abisirayeli (bizera Imana imwe y’ukuri) bategetswe kutubakana n’abasenga ibigirwamana, ni ko n’Abakristo (nabo bizera Imana imwe y’ukuri) bategekwa kutarongorana n’abatizera. Nta na hamwe Bibiliya ivuga ko ukubana kw’abadasangiye urukoba canke ubwoko ari icaha. Umuntu wese abuza abadasangiye ubwoko canke urukoba kwubakana Bibiliya ntimushigikiye.

Nk’uko uwitwa Martin Luther King, Jr., yabivuze, umuntu wese akwiye gushimwa canke kugawa biturutse ku nyifato yiwe, bidaturutse kw’ibara ry’urukoba rwiwe canke ku bwoko bwiwe. Amacakubiri ashingiye ku rukoba no ku bwoko nta kibanza afise mu Bukristo (Yakobo 2:1–10). Mu bisanzwe, dufatiye kuri Bibiliya kw’isi hari “ubwoko” bumwe—ubwoko bw’abantu kuko twese twakomotse kuri Adamu na Eva. Mu gihe co guhitamwo uwo bubakana, Umukristo akwiye gusuzuma ko uwo muntu bazobana ari uwizera Yesu Kristo (Yohana 3:3–5). Ukwizera Kristo, atari ibara ry’urukoba, ni rwo rufatiro Bibiliya itanga mu guhitamwo uwuzubakana n’uwundi. Ukwubakana n’uwo mudahuje urukoba canke ubwoko bikwiye gukorwa mu bwenge, mu bwitonzi, no mu gusenga.

Abantu bagiye kwubakana bategerezwa kwiyumvira ku bintu vyinshi. Naho ata wokwirengagiza ubutandukane bw’ubwoko canke bw’urukoba, si co kintu nyamukuru umuntu yokwisunga mu gufata ingingo yo kwubakana n’uwundi. Ababana badahuje urukoba canke ubwoko barashobora kunebagurwa canke kunenwa, kandi bakwiye kwitegura guhangana n’izo ngorane bisunze ico Bibiliya ivuga. “Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’Umwami umwe ar’Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose” (Abaroma 10:12). Ishengero ritaboshwe n’amacakubiri co kimwe n’urugo rwarengeye ivy’amacakubiri bishobora kubera Kristo igishingantahe gikomeye.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku bantu bubakana badahuje urukoba canke ubwoko ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries