settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega agakizwa kazanwa n’ukwizera kwonyene gusa, canke ni ukwizera kwongerwako ibikorwa ?

Inyishu


Kumbure ico ni co kibazo gihambaye kurusha ibindi mu nyigisho rukristo. Ico kibazo ni co catumye habaho Umunaguro wo mu kinjana ca 16 watumye amashengero y’Abaprotestanti n’Abakatolika atandukana. Ico kibazo ni co gitandukanya amashengero y’Abakristo yubakiye kuri Bibiliya hamwe n’imigwi y’igisha inyigisho z’ibinyoma yiyita “Abakristo.” Mbega agakiza kazanwa n’ukwizera kwonyene gusa, canke hongerwako n’ibikorwa ? Mbega nakijijwe n’ukwizera Yesu gusa, canke ntegerezwa kwizera Yesu hanyuma nkongereko n’ibindi bintu ?

Ikibazo c’agakiza kava mu kwizera gusa canke ukwizera kwongerwako ibikorwa kirushirizaho kugorana kubera imirongo imwe imwe yo muri Bibiliya igoye guhuza. Gereranya Abaroma 3:28, 5:1 n’Ab’i Galatiya 3:24 na Yakobo 2:24. Abantu bamwe babona ko hariho itandukaniro riri hagati ya Paulo (agakiza kazanwa n’ukwizera gusa) na Yakobo (agakiza kazanwa n’ukwizera hongeweko ibikorwa). Paulo yigisha ko ugutsindanishirizwa kuzanwa n’ukwizera gusa (Abanyefeso 2:8-9), mu gihe biboneka ko Yakobo na we avuga ko ugutsindanishirizwa kuzanwa n’ukwizera hongeweko ibikorwa. Inyishu kuri ico gisa n’ingorane iboneka iyo umuntu yitonze agasuzuma ivyo Yakobo avuga. Yakobo ariyamiriza inyigisho ivuga ko umuntu ashobora kugira ukwizera mugabo kudaserura ibikorwa vyiza (Yakobo 2:17-18). Yakobo ashimikira ku kwigisha ukwizera kw’ukuri muri Kristo gutegereza kuvyara ubugingo buhindutse kandi burangwa n’ibikorwa vyiza (Yakobo 2:20-26). Yakobo ntiyigisha ko ugutsindanishirizwa kuzanwa n’ukwizera kwongeyeko ibikorwa, ahubwo yigisha ko umuntu amaze gutsindanishirizwa arangwa n’ibikorwa vyiza mu kubaho kwiwe. Iyo umuntu avuga ko yizera Kristo mugabo ubuzima bwiwe ntiburangwemwo ibikorwa vyiza, uyo muntu ntaba arizera Yesu vy’ukuri (Yakobo 2:14, 17, 20, 26).

Paulo nawe avuga ivyo nyene mu nyandiko ziwe. Ivyamwa vyiza Abakristo bakwiye kwama mu bugingo bwabo biranditswe mu b’i Galatiya 5:22-23. Paulo akimara kutubwira ko twakijijwe kubw’ukwizera atari kubw’ibikorwa vyiza (Abanyefeso 2:8-9), aca atumenyesha ko twaremwe kugira ngo dukore ibikorwa vyiza (Abanyefeso 2:10). Kubw’ivyo rero Paulo yitega ko umuntu yakiriye agakiza ubugingo bwiwe buhinduka nk’uko Yakobo na we abivuga: “Nuko rer’umuntu wese iy’ari muri Kristo, aba ar’icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha” (2 Ab’i Korinto 5:17). Yakobo na Paulo ntibahushana ku nyigisho y’agakiza. Ni uko gusa umwe wese atanga inyishu yiwe ku kibazo kimwe. Paulo ashimikira ku kwerekana ko ugutsindanishirizwa kuzanwa n’ukwizera mu gihe Yakobo na we ashimikira ku kwerekana ko ukwizera kw’ukuri kuvyara ibikorwa vyiza.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega agakizwa kazanwa n’ukwizera kwonyene gusa, canke ni ukwizera kwongerwako ibikorwa ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries