settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega ukuba Imana kwa Kristo gushingiye kuri Bibiliya ?

Inyishu


Uretse ko Yesu ubwiwe yivuzeko ari Imana, n’abigishwa biwe baremera ko ari Imana. Barashingira intahe ko Yesu afise ububasha bwo guharira ivyaha—kandi ari ikintu Imana yonyene ishobora gukora—nk’uko ari Imana ibabazwa n’icaha (Ivyakozwe n’Intumwa 5:31; Ab’i Kolosayi 3:13; Zaburi 130:4; Yeremiya 31:34). Dufatiye kuri ivyo, Bibiliya ivuga ko Yesu Kristo ari we “azocirakw’iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye” (2 Timoteyo 4:1). Toma yabwiye Yesu ati, “Mwami wanje kandi Mana yanje!” (Yohana 20:28). Paulo yita Yesu “Imana yacu ihambaye n’Umukiza” (Tito 2:13) maze kandi akemeza ko imbere y’uko Yesu yambara umubiri akaza mw’isi yariho afise “ishusho y’Imana” (Ab’i Filipi 2:5-8). Imana Data yavuze kuri Yesu aya majambo: “Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira” (Abaheburayo 1:8). Yohana avuga ati “Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’uwo Jambo [Yesu] yar’Imana” (Yohana 1:1). Imirongo yo muri Bibiliya yigisha ko Yesu Kristo ari Imana ni myinshi (raba Ivyahishuriwe Yohana 1:17, 2:8, 22:13; 1 Ab’i Korinto 10:4; 1 Petero 2:6-8; Zaburi 18:2, 95:1; 1 Petero 5:4; Abaheburayo 13:20), ariko umwe wonyene gusa muri iyo mirongo urashobora kwerekana ko Kristo yafatwa nk’Imana n’abigishwa biwe.

Ikindi ni uko Yesu ahabwa amazina ata wundi yari ayafise atari YEHOVA (izina nyamukuru ry’Imana) mw’Isezerano rya Kera. Izina “umucunguzi” riboneka mw’Isezerano rya Kera (Zaburi 130:7; Hoseya 13:14) rirakoreshwa mu kuvuga Yesu mw’Isezerano Risha (Tito 2:13; Ivyahishuriwe Yohana 5:9). Yesu yitwa Emanuweli—“Imana iri kumwe na twe”—muri Matayo 1. Muri Zekariya 12:10, ni YEHOVA yivugira ati, “Kandi bazokwitegereza uwo bacumise.” Isezerano Risha rivuga ayo majambo ku bijanye n’ukubambwa kwa Yesu (Yohana 19:37; Ivyahishuriwe Yohana 1:7). Nimba ari YEHOVA yacumiswe maze akaba ari we bitegereza, ivyo bivuga ko ari Yesu yacumiswe hanyuma bakamwitegereza, gurtyo rero Yesu ni YEHOVA. Paulo asobanura Yesaya 45:22-23 avuga kuri Yesu mu gufatanya uwo murongo n’ab’i Filipi 2:10-11. I ruhande y’ivyo, izina rya Yesu rirakoreshwa hamwe n’izina Imana mw’isengesho “Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Yesu Kristo” (Ab’i Galatiya 1:3; Abanyefeso 1:2). Gukoresha amajambo nk’ayo vyari kwitwa ukurogota iyaba Kristo atari Imana. Izina rya Yesu rivugirwa hamwe n’iry’Imana igihe Yesu yatanga itegeko ryo kubatiza “mw’izina [muri rudende] rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera” (Matayo 28:19; raba kandi 2 Korinto 13:14).

Ibikorwa ata wundi yobikora atari Imana biritirirwa Yesu muri Bibiliya. Yesu ntiyazuye abapfuye gusa (Yohana 5:21, 11:38-44) ngo aharire ivyaha (Ivyakozwe n’Intumwa 5:31, 13:38), yararemye yongera akomeza isi n’ikirere (Yohana 1:2; Ab’i Kolosayi 1:16-17). Ivyo birushirizaho gutomoka igihe YEHOVA yavuga ko ata wundi bari kumwe igihe yarema isi (Yesaya 44:24). Ikirushirije kuri ivyo, Kristo arafise ibindi bintu bimuranga ata wundi ashobora kubigira atari Imana: kubaho ibihe bidashira (Yohana 8:58), kuba hose mu mwanya umwe (Matayo 18:20, 28:20), kumenya ibintu vyose (Matayo 16:21), kandi nta kintu na kimwe kimunanira (Yohana 11:38-44).

Kuvuga ko uri Imana ni kimwe canke guhenda abandi bantu ko uri Imana ni ikindi kintu, ariko kuvuga ivyo no kwerekana ibintu bibishingira intahe ico na co ni ikindi kintu. Yesu yarakoze ibitangaza vyinshi bishingira intahe ivyo yavuga ko ari Imana. Mu bitangaza Yesu yakoze harimwo uguhindura amazi vino (Yohana 2:7), gutambuka hejuru ku mazi (Matayo 14:25), kugwiza ibintu (Yohana 6:11), guhumura impumyi (Yohana 9:7), gukiza abamugaye (Mariko 2:3), n’abarwaye (Matayo 9:35; Mariko 1:40-42), mbere no kuzura abapfuye (Yohana 11:43-44; Luka 7:11-15; Mariko 5:35). Ikirengeye ivyo, Kristo ubwiwe yarazutse mu bapfuye. Kristo aratandukanye n’imana z’abapagani zivugwa ko zapfuye zongera zirazuka mu migani yabo kuko ayandi madini ntiyemeza ivyo kuzuka. Kandi nta kundi kuzuka kurashingirwa intahe n’ibimenyetso uretse ukwo dusanga muri Bibiliya.

Hariho ibintu bishika kuri cumi na bibiri vyabaye kuri Yesu mbere bishingirwa n’abanyabwenge batari Abakristo:
1. Yesu yapfuye abambwe.
2. Yarahambwe.
3. Urupfu rwiwe rwatumye abigishwa bihebura barata ivyizigiro.
4. Basanze imva ya Yesu (canke bivugwa ko) igaragara haheze imisi mike.
5. Abigishwa bizera ko Yesu yabiyeretse amaze kuzuka.
6. Inyuma y’ivyo abigishwa barahinduwe, bareka kuba abakekeranya ahubwo baba abizera batagira ubwoba.
7. Ubwo butumwa ni bwo bwari urufatiro rw’inyigisho mw’ishengero ry’intango.
8. Ubwo butumwa bwarigishijwe i Yerusalemu.
9. Ishengero ryaravutse, rirakura, kubera ubwo butumwa.
10. Umusi Yesu yazukiyeko, ari wo musi wa mbere w’imisi indwi (Dimanche) ni wo wasubiriye umusi w’isabato nk’umusi wo guhimbarizako Imana.
11. Yakobo, uwari asanzwe akekeranya, yarahindutse igihe na we yizera ko yabonye Yesu amaze kuzuka.
12. Paulo yari asanzwe arwanya Ubukristo yarahindutse amaze kubona uwo yemeza ko ari Kristo yazutse.

Naho hogira uwuvuga ko atemera ibiri muri urwo rutonde, ni bike gusa muri rwo bikenewe mu kwemeza ko Yesu yazutse no mu gushimangira Ubutumwa Bwiza: urupfu rwa Yesu, uguhambwa kwiwe, ukuzuka kwiwe, n’uko yiyeretse abantu (1 Ab’i Korinto 15:1-5). Naho hoba hariho inzira zimwe zimwe abantu bashobora kwifashisha mu gusobanura kimwe canke bibiri muri ivyo bintu tumaze kudondagura, ukuzuka ni kwo gusobanura kandi gushigikira vyose. N’abanebagura ubukristo baremera ko abigishwa ba Yesu bavuze ko bamubonye amaze kuzuka. Vyaba ibinyoma canke inzozi ntizishobora guhindura abantu nk’uko ukuzuka kwa Yesu kwabahinduye. Ica mbere twokwibaza, mbega bari kwunguka iki mu gukwiragiza ibinyoma ? Ubukristo ntibwari idini ihurumbirwa n’amasinzi kubw’ivyo nta mahera bari kwunguka. Ikigira kabiri, ababeshi ntibashobora kuvamwo abamaratiri b’ukuri. Nta na kimwe muri ivyo cosobanura igituma abigishwa baremeye kwicwa kubw’ukwizera kwabo. Ego ni vyo, hariho abantu bemera gupfa kubw’ibinyoma bo bizera ko ari ukuri, ariko ico tuzi ni uko abantu batemera gupfira ikintu bazi ko kitari ukuri.

Mu kurangiza, Kristo yavuze ko ari YEHOVA, ko ari Imana (atari “imana” mugabo Imana y’ukuri); abamukurikiye (Abayuda batinya cane ugusenga ibigirwamana) barimwizeye kandi bamwita Imana. Kristo yakoresheje ibitangaza vyiwe mu gushingira intahe ivyo avuga ko ari Imana ko ari ukuri, muri ivyo bitanganza harimwo ukuzuka mu bapfuye, igitangaza gisumba ibindi. Nta kindi kintu cosabanura ivyo. Rero ni vyo, Bibiliya irashingira intahe ukuba Imana kwa Yesu Kristo.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega ukuba Imana kwa Kristo gushingiye kuri Bibiliya ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries