settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina kw’abatarubaka urwabo ?

Inyishu


Muri Bibiliya nta jambo ry’Igiheburayo canke ry’Ikigiriki rivuga mu buryo burashe ku vyerekeye abahuza ibitsina batarubakana. Bibiliya irarwanya ubusambanyi, none uguhuza ibitsina ku batarukana na vyo bifatwa nk’icaha ? Dufatiye kuri 1 Ab’i Korinto 7:2, inyishu itomoye ni “ego”: “Ariko kubgo kwirinda gushakana, umugabo wese agire uwiwe mugore, n’umugore wese agire uwiwe mugabo.” Muri uyo murongo Paulo avuga ko ukwubaka urugo ari wo “muti” w’ubusambanyi. 1 Ab’i Korinto 7:2 haravuga mu bisanzwe ko kubera yuko abantu badashobora kwihangana bigatuma bahuza ibitsina n’abo batubakanye, kubw’ivyo bakwiye kurongora. Kubw’ivyo niho bashobora kuronka ivyo imibiri yabo yifuza mu buryo buhesha Imana icubahiro.

Kubera yuko 1 Ab’i Korinto 7:2 hashira uguhuza ibitsina kw’abatarubakana mu rugero rw’ubusambanyi, iyindi mirongo yose yo muri Bibiliya igwanya ubusambanyi nk’icaha na yo irarwanya uguhuza ibitsina kw’abatarubakana. Uguhuza ibitsina kw’abatarubakana biri mu mugwi Bibiliya ishiramwo ubusambanyi. Hariho imirongo myinshi ivuga ko guhuza ibitsina imbere y’ukwubaka ari icaha (Ivyakozwe n’Intumwa 15:20; 1 Korinto 5:1; 6:13, 18; 10:8; 2 Korinto 12:21; Ab’i Galatiya 5:19; Abanyefeso 5:3; Ab’i Kolosayi 3:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:3; Yuda 7). Bibiliya idutegeka ukwihangana imbere y’ukwubaka urugo. Uguhuza ibitsina hagati y’umugabo n’umugore wiwe ni kwo guhuza ibitsina kwonyene Imana yemera (Abaheburayo 13:4).

Akenshi twibanda ku gufata uguhuza ibitsina nk’igikorwa co “kwinezereza” tukibagira ko ari kandi igikorwa co kuvyara. Uguhuza ibitsina ku bubakanye biranezereza umubiri, kandi uko ni ko Imana yabiremye. Imana iragomba ko abagabo bose n’abagore bose kunezerererwa uguhuza ibitsina mugabo mu ngo zabo gusa. Mu Ndirimbo ya Salomo no mu bindi bice vyo muri Bibiliya (nko mu Migani 5:19) harerekana neza umunezero wo guhuza ibitsina. Yamara, abubakanye bategerezwa gutahura ko imwe mu ntumbero Imana yahaye uguhuza ibitsina harimwo ukuvyara abana. Kubw’ivyo, uguhuza ibitsina bw’abantu babiri batarubakana ni bibi mu nzira zibiri—baba binjiye mu munezero utari uwabo, kandi bashobora kuvyara uwundi muntu mushasha mugabo atari mu nzira Imana yateguye ko buri mwana akwiye kuvukamwo.

Iyaba abantu bumvira ubutumwa Bibiliya itanga ku bijanye no guhuza ibitsina kw’abatarubakana, haba hari ingwara zandukira mu myanya ndanga-gitsina nke, abakorora inda baba ari bake cane, haba hari abakobwa bake bavyariye i wabo n’imbanyi nke zisamwa zitifuzwa, n’abana bake bakura batagira abavyeyi bose. Itegeko ryonyene Imana iha abatarubakana ni ukwihangana. Ukwihangana gukiza ubuzima bwa benshi, gukingira abana, guha insobanuro y’ukuri uguhuza ibitsina, ikirushirije vyose, guhesha Imana icubahiro.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uguhuza ibitsina kw’abatarubaka urwabo ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries