settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega hoba hariho ubundi buzima inyuma y’ugupfa ?

Inyishu


Mbega hoba hariho ubundi buzima inyuma y’ugupfa ? Bibiliya itubwira iti: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa. Ashurika bga shurwe, maz’agacibga; ahita nk’igitutu, ntiyamaho… Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho” (Yobu 14:1-2, 14) ?

Twese turamaze kwibaza ico kibazo nk’uko Yobu na we yacibajije. None mu vy’ukuri ni igiki gikurikira ugupfa kwacu ? Mbega ni ukubaho kwacu guhagarara gusa ? Mbega ubuzima bwoba ari nk’urugi dusohokanamwo tugasubira mw’ivu kugira ngo dushikire ubuninahazwa ? Mbega abantu bose baja mu kibanza kimwe canke tuzoja mu bibanza bitandukanye ? Mbega mu vy’ukuri ijuru n’umuriro birabaho, canke ni ivyiyumviro biba mu bwenge bwacu gusa ?

Bibiliya ntitubwira gusa ko inyuma yo gupfa hariho ubundi buzima, ariko irongerako ko hariho ubugingo budashira bw’ubwiza: “Ivy’ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ugutwi kutigeze kwumva, ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, vyose Imana yavyiteguriye abayikunda” (1 Ab’i Korinto 2:9). Yesu Kristo, ari we Mana yambaye umubiri, yaje mw’isi kugira ngo aduhe iyo ngabire y’ubugingo budashira. “Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’imishishagu yiwe ni yo idukiza” (Yesaya 53:5).

Yesu yakiriye igihano umwe wese muri twebwe yari akwiye guhanwa maze atanga ubugingo bwiwe nk’ikimazi. Inyuma y’imisi itatu, yerekanye intsinzi yiwe ku rupfu mu kuzuka avuye mu mva, mu Mpwemu no mu mubiri. Yagumye mw’isi imisi miringo ine maze abonwa n’abantu ibihumbi imbere y’uko asubira i we mw’ijuru. Mu Baroma 4:25 havuga hati: “Yatangiwe ibicumiro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.”

Ukuzuka kwa Kristo kurafise ivyemezo bigushingira intahe neza. Intumwa Paulo yasavye abantu koobabaza ivyabona vy’ukuzuka kugira ngo bamenye ukuri, kandi nta n’umwe yashoboye guhakana ukwo kuri. Ibuye ry’imfuruka rigumya ukwizera kw’Abakristo ni ukuzuka kwa Kristo; kubera Kristo yazutse mu bapfuye, turashobora kwizera ko natwe tuzozuka.

Paulo yarahanuye bamwe mu Bakristo ba kera batizera ivyo: “Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate ko yukw’ata wuzuka ? Asangw’ata wuzuka, na Kristo ntarazuka” (1 Ab’i Korinto 15:12-13).

Kristo yabaye uwa mbere muri benshi bazozuka. Urupfu rw’umubiri rwazanywe n’umuntu umwe, ari we Adamu, uwo twese twakomotseko. Yamara bose bamaze kwinjira mu muryango w’Imana kubwo kwizera Yesu Kristo bazohabwa ubugingo busha (1 Ab’i Korinto 15:20-22). Nk’uko Imana yazuye umubiri wa Kristo, ni ko n’imibiri yacu izozurwa Yesu ni yagaruka (1 Ab’i Korinto 6:14).

Naho tuzozurwa, si bose bazoja mw’ijuru. Umuntu wese akwiye guhitamwo akiri muri buno buzima kugira ngo amenye aho azoja kumara ibihe bidashira. Bibiliya ivuga ko twese tubikiwe gupfa rimwe, maze inyuma y’aho hakaza imanza (Abaheburayo 9:27). Abagizwe abagororotsi bazoja mw’ijuru mu bugingo budashira, ariko abatizera bazorungikwa mu gihano c’ibihe bidashira, ariho mu muriro (Matayo 25:46).

Mu muriro, co kimwe no mw’ijuru, ni ahantu abantu bazoba, kandi ni ahantu hariho vy’ukuri. Ni ahantu abanyavyaha bazobabarizwa, bazoba mu burake bw’Imana bw’ibihe bidashira. Bazoseserezwa mu mitima, mu bwenge, no mu mibiri yabo, bazokorwa n’isoni, bagire ukwicuza, n’agakengerwe.

Umuriro udahera uvugwa ko ari icobo kirekire cane (Luka 8:31; Ivyahishuriwe Yohana 9:1), uvugwa kandi nk’ikiyaga c’umuriro, cakamwo amazuku, aho abakirimwo bazoseserezwa ku murango no mw’ijoro imyaka yose ubudahera (Ivyahishuriwe Yohana 20:10). Aho muri Gehinomu, hazobayo ukurira n’ukuryana insya z’amenyo, ivyo bikerekana intuntu n’ishavu bitagira urugero (Matayo 13:42). Ni ahantu inyo zitigera zipfa canke ngo umuriro uzime (Mariko 9:48). Imana ntinezerezwa n’urupfu rw’abanyavyaha, ahubwo yifuza ko bahindukira bakareka inzira zabo mbi kugira ngo babeho (Ezekiyeli 33:11). Ariko kandi Imana ntidufata ku gahato; ni twahitamwo kuyiheba, nta kundi yokora atari kuduha ivyo twihitiyemwo—kubaho dutandukanye na yo.

Ukubaho mw’isi n’igipimo, ni umwiteguro w’ubuzima buri imbere. Ku bizera, ni ukubaho ibihe bidashira mu bwiza bw’Imana. Ni gute tugirwa abagororotsi kugira ngo dushobore kuronka ubwo bugingo budashira ? Hari inzira imwe gusa—ni ukwizera Umwana w’Imana, Yesu Kristo. Yesu yavuze ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kand’uriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa...” (Yohana 11:25-26).

Abantu bose barashobora kuronka ingabire y’ubugingo budashira itangirwa ubuntu, mugabo bisaba ko twiyanka tugaheba ibihimbaro vyo mw’isi tukishikanira Imana. “Uwizeye Umwana arafise ubugingo bufashira, arik’utumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’uburake bg’Imana buguma kuri we” (Yohana 3:36). Inyuma y’ugupfa nta kandi karyo tuzohabwa ko kwihana ivyaha vyacu kuko iyo duhwanye n’Imana nta kundi guhitamwo tuba dufise atari ukuyizera. Iragomba ko tuyizako mu kwizera. Ni twemera urupfu rwa Yesu Kristo nk’indishi y’ukugarariza Imana kwacu, tuzoba turonse icemezo co kubaho ubuzima bufise insobanuro mw’isi, n’ubugingo bw’ibihe bidashira turi hamwe na Kristo.

Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nk’Umukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: “ Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubw’ukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje n’imbabazi zawe n’ingabire y’ubugingo budashira! Amen!"

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega hoba hariho ubundi buzima inyuma y’ugupfa ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries