settings icon
share icon
Ikibazo

Ni kuki ntakwiye kwiyahura ?

Inyishu


Imitima yacu ifitiye impuhwe abantu bafise ivyiyumviro muri bo ko bakwiye kurangiza ukubaho kwabo biciye mu kwiyahura. Ni waba na we uri muri abo muri uno mwanya, birumvikana ko mu mutima wawe harimwo ivyiyumviro vyinshi, birimwo ugatakaza ivyizigiro no kwihebura. Kumbure wumva ko uri mu kinogo kirekire, maze ntuzi ko hakiriho ivyizigiro ko ibintu bizosubira kugenda neza. Nta n’umwe asa n’uko atahura canke yitayeho aho uriko uraca. Ubona ko ata kamaro ko kubaho...si vyo ?

Ni wafata akanya ko kureka Imana ikaba Imana mu bugingo bwawe uyu musi, izokwereka ingene ari nini vy’ukuri, “kukw’ata jambo rivuye ku Mana ribura ubushobozi” (Luka 1:37). Kumbure inkovu z’ibikomere vya kahise vyatumye wumva ko watawe canke wahebwe. Ivyo bishobora kugutera kwiganyira, ishavu, umururazi, ivyiyumviro vyo kwihora, canke ubwoba bwatumye ugira ingorane hagati yawe n’incuti zawe.

Ni kuki none udakwiye kwiyahura ? Mugenzi, naho ibintu vyoba ari bibi cane mu bugingo bwawe, hariho Imana y’urukundo ikurindiriye kugira ngo ikurongore, igucishe muri uwo mwobo w’ukwihebura maze igushikane mu muco wayo uhambaye. Ni we vyizigiro vyawe bidakekeranywa. Yitwa Yesu.

Uwo Yesu, Umwana w’Imana atagira icaha, yifatanya na we mu gihe co kwumva warahebwe n’igihe co guteterezwa. Uwavugishwa n’Imana Yesaya yaranditse ivyiwe muri Yesaya 53:2-6, amuvuga ko ari umuntu “yakengerewe nk’umuntu abandi bahisha mu maso.” Ubuzima bwiwe bwari bwuzuye intuntu n’umubabaro. Yamara imibabaro yikoreye ntiyari iyiwe; yari iyacu. Yaracumiswe, arakomeretswa, arajanjagurwa, ivyo vyose ni kubera ivyaha vyacu. Kubw’imibabaro yiwe, ubugingo bwacu burashobora gucungurwa no gukizwa.

Mugenzi wanje, Yesu Kristo yihanganiye ivyo vyose kugira ngo ivyaha vyawe vyose bishobore kubabarirwa. Naho wokwumva uremerewe n’ukwicira urubanza, menya ko azokubabarira ni waca bugufi, ukamwakira nk’Umukiza wawe. “... Uzunyambaze ku musi w’amagorwa, nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro ¼” (Zaburi 50:15). Naho woba wakoze ivyaha bingana gute, nta na kimwe Yesu atoshobora kukubabarira. Bamwe mu bakozi biwe babaye rurangiranwa barakoze ivyaha bikomeye nko kwica (Mose), abandi barica hanyuma barasambana (Umwami Dawidi), abandi nabo bahohotera abandi bantu (intumwa Paulo). Yamara abo bose baragiriwe ikigongwe hanyuma baronka ubuzima bwuzuye mu Mwami. “Nuko rer’umutu wese iy’ari muriKristo, aba ar’icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha!” (2 Ab’i Korinto 5:17).

Ni kuki none udakwiye kwiyahura ? Mugenzi, Imana yama hafi yawe kugira ngo isanasane “ivyasambuwe,” ni ukuvuga ako ubugingo ufise uyu musi, ari bwo bugingo ugomba kwica biciye mu kwiyahura. Muri Yesaya 61:1-3, uwo muvugishwa yanditse ati: “Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyeshaa abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe; ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho …ngo nirure abagandaye bose, ngo nshirireho abagandaye… igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye.”

Ngwino kuri Yesu, maze umureke akugarukanire umunezero n’agaciro umaze kumwizera ko ashoboye gutangura igikorwa gisha mu bugingo bwawe. Aragusezeranira kukugarukanira umunezero watakaje yongere aguhe impwemu nsha ngo igukomeze. Umutima wawe umenetse n’uwigiciro imbere yiwe: “Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukengera” (Zaburi 51:12, 15-17).

Mbega uragomba kwakira Umwami ngo akubere Umukiza n’Umwungere ? Azoyobora ivyiyumviro vyawe n’intambuko zawe—umusi ku musi—akoresheje Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya. “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugira inama, ijisho ryanje rizokugumako” (Zaburi 32:8). “Mu bihe vyawe hazobah’umutekano, n’agakiza k’umurengera, n’ubgenge no kumenya: kwubaha Uhoraho ni bgo butunzi bgawe” (Yesaya 33:6). Naho uzoba uri muri Kristo uzoguma uhwana n’intambara, ariko ico gihe uzoba ufise ivyizigiro. Ni we “mukunzi yimatanya n’umuntu kurusha uvukana na we” (Imigani 18:24). Ubuntu bw’Umwami Yesu bubane na we muri uno mwanya wo gufata ingingo.

Ni waba wifuza kwizera Yesu Kristo nk’Umukiza wawe, bwira Imana aya mjambo mu mutima wawe: “Mana, ndagukeneye mu kubaho kwanje. Ndakwinginze umbabarire ivyo nakoze vyose. Nizeye Yesu Kristo kandi nizeye ko ari we Mukiza wanje. Ndakwinginze unyoze, ugarukanire umunezero wawe mu bugingo bwanje. Ndagushimiye urukundo rwawe unkunda, ndagushimiye kandi ko Yesu yampfiriye.”

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ni kuki ntakwiye kwiyahura ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries