settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyo kwishushanya ku mubiri/canke gutobora umubiri ?

Inyishu


Isezerano rya Kera ryategeka Abisirayeli riti: “Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’upfuye. Kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho” (Abalewi 19:28). Naho uyu musi Abakristo batakiganzwa n’ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera (Abaroma 10:4; Ab’i Galatiya 3:23–25; Abanyefeso 2:15), ukuba Imana yarabujije ukwishushanya ku mubiri (tatouages) bikwiye kudutera kwibaza. Isezerano Risha nta nimba Umukristo ashobora gushushanya ku mubiri wiwe.

Muri 1 Petero 3:3–4 turasoma aya majambo: “Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ukwo kwambara izahabu cank’ukwo kwambara impuzu nziza; ariko kube ukw’umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’igiciro kinini imbere y’Imana.” Mu bisanzwe iki gisomwa cerekeye abakenyezi b’Abakristo, yamara naho biri uko harimwo inyigisho dushobora gukuramwo: ni ukuvuga yuko ishusho y’umuntu y’inyuma si co kintu nyamukuru umuntu akwiye kwitaho kurusha ibindi. Akenshi turatanga ibitari bike kugira ngo “dutunganye imishatsi yacu” canke mu kugura “impuzu nziza” n’utugenegene two kwambara, ariko aho si ho ubwiza bw’ukuri bw’umukenyezi buri. Ni co kimwe n’ayo mashusho yo ku muburi n’ivyo gutobora umubiri, ivyo vyose ni ibisharizo vy’inyuma, kandi dukwiye kwitonda kugira ngo ntidute umwanya mu gushariza umuntu w’inyuma ahubwo twitwararike kurusha “umuntu w’imbere.”

Ku vyerekeye ivyo kwishushanyako (tatouages) no gutobora umubiri, dukwiye kwibaza niba Imana ishobora guhezagira ivyo bintu canke kubikoresha mu ntumbero zayo nziza. “Nukw’iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana” (1 Ab’i Korinto 10:31). Isezerano Risha ntirigwanya bimwe biboneka ivyo kwishushanyo ku mubiri (tatouages) canke gutobora umubiri, yamara kandi ntiriduha impamvu n’imwe yotuma twizera ko Imana igomba ko dukora ivyo bintu.

Ikintu ngenderwako dukwiye kwisunga buri igihe dushitse imbere y’ikintu Bibiliya itavuga mu buryo butomoye ni ukwibaza ni mba ico kintu cohimbara Imana tugikoze. Dusanze cohimbara Imana dukwiye guca tugikora. Mu Baroma 14:23 haratwibutsa ko ikintu cose kitava mu kwizera ari icaha. Dukwiye kwibuka ko imibiri co kimwe n’imitima yacu vyacunguwe kandi vyegukira Imana. Naho mu 1 Ab’i Korinto 6:19–20 hatavuga ku vyerekeye ukwishushanyako ku mubiri (tatouages) n’ugutobora umubiri haratwigisha ikintu gihambaye: “Ntimuzi yukw’imibiri yanyu ar’insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana ? Kandi si mwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.” Iryo jambo ry’Imana rikwiye gufata ikibanza ca mbere mu vyo dukoresha imibiri yacu n’iyo tujana imibiri yacu. Niba imibiri yacu iganzwa n’Imana, dukwiye kubanza kumenya neza ko Imana ishimishwa n’uko tuyishushanyako (tatouages) canke tukayitobora.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyo kwishushanya ku mubiri/canke gutobora umubiri ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries