settings icon
share icon
Ikibazo

Ni gute nomenya ntakekeranya ko nzoja mw’ijuru ni napfa ?

Inyishu


Mbega urazi neza ko ufise ubugingo budashira, ko ni wapfa uzoja mw’ijuru ? Imana iragomba ko ubimenya udakekeranya! Bibiliya itubwira iti: “Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira” (1 Yohana 5:13). Ni wabaze nk’igihe woba uhagaze imbere hanyuma ikikubaza iti: “Mbwira igituma nokureka ukinjira mw’ijuru ?” None wovuga iki ? Kumbure ushobora kubura inyishu. Ico ukwiye kumenya ni uko Imana idukunda kandi yamaze gushiraho inzira kugira ngo tumenya ata gukekeranya aho tuzomara ibihe bidashira. Bibiliya irabitubwira muri aya majambo: “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, ngo uwumwizera wese ntazapfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira” (Yohana 3:16).

Ubwa mbere dutegerezwa gutahura ingorane itubuza kuja mw’ijuru. Iyo ngorane si iyindi – ni akamere yacu y’ivyaha itubuza kugirirana n’Imana imigenderanire. Muri kamere yacu turi abanyavyaha kandi turacumura tuvyihitiyemwo. “Kuko bose bakoze ivyaha ntibashikira ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23). Twebwe ubwacu ntidushobora kwikiza. “Ubuntu ni bgo bgabakijije, kubg’ukwizera, na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge ni ingabire y’Imana. Ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira” (Abanyefeso 2:8-9). Ikidukwiriye twebwe ni urupfu n’umuriro udahera. “Ingero y’icaha ni urupfu” (Abaroma 6:23).

Imana ni iyera kandi iratunganye kandi itegerezwa guhana icaha, yamara kubera idukunda yaciye itanga uburyo bwo guharira icaha. Yesu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta wushika kwa Data ntamujanye” (Yohana 14:6). Yesu yapfiriye ivyaha vyacu ku musaraba: “Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya” (1 Petero 3:18). Yesu yarazutse mu bapfuye: “Yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe” (Abaroma 4:25).

Reka dusubire kuri ca kibazo twaherako – “Ni gute nomenya ntakekeranya ko nzoja mw’ijuru ni napfa ?” inyishu ni iyi – Izere Umwami Yesu Kristo urakira (Ivyakozwe n’Intumwa 16:31). “Arikw’abamwakiriye yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe” (Yohana 1:12). Urashobora kwakira ubugingo budashira nk’ingabire ITANGWA KU BUNTU. “Ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu” (Abaroma 6:23). Urashobora kubaho ubuzima bwuzuye kandi bufise insobanuro muri uyu mwanya. Yesu yavuze ati: “Jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse” (Yohana 10:10). Urashobora kubaho ibihe bidashira uri kumwe na Yesu mw’ijuru, nk’uko yasezeranye: “Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana ii wanje, ngw’aho ndi namwe abe ari ho muba” (Yohana 14:3).

Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nk’Umukiza no kwakira imbabazi z’Imana, ng’iri isengesho ushobora gusenga. Kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwavyo si vyo bigukiza. Igishobora kukuzanira imbabazi ni ukwizera Yesu Kristo. Iryo sengesho ni uburyo bwo kwerekana ukwizera kwawe ku Mana no kuyishimira ko yaguhaye imbabazi. "Mana yanje, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko ata kindi kinkwiriye atari igihano. Ariko Yesu risto yarikoreye igihano nari nkwiye kuronka kugira ngo kubw’ukumwizera ndonke imbabazi. Ni wewe nizeye kugira ngo nkizwe. Ndagushimiye canke kubw’ubuntu bwawe butangaje n’imbabazi zawe! Amen!"

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ni gute nomenya ntakekeranya ko nzoja mw’ijuru ni napfa ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries