settings icon
share icon
Ikibazo

Ni gute nomenya ubugombe bw’Imana ku bugingo bwanje ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kumenya ubugombe bw’Imana ?

Inyishu


Kumenya ubugombe bw’Imana ni ibintu vy’ingirakamaro. Yesu yavuze ko benewabo b’ukuri ari abazi ubugombe bwa Se bakongera bagakora ibihwanye na kwo: “Umuntu wese akora ivyo Imana igomba ni we murumunanje, ni we mushikanje, ni we mama” (Mariko 3:35). Mu mugani w’abahungu babiri, Yesu yarakariye abaherezi bakuru n’abakuru kuko badakora ivyo Data igomba; tubitomoye neza, “batirimbuye ngo bamwemere” (Matayo 21:32). Mu bisanzwe, ubugombe bw’Imana ni ukwo twihana ivyaha vyacu maze tukizera Kristo. Mu gihe twoba tutaratera iyo ntambuko ya mbere, aho ntituba turemera ubugombe bw’Imana.

Iyo tumaze kwakira Kristo mu kwizera, ducika abana b’Imana (Yohana 1:12), maze ikifuza kutuyobora mu nzira zayo (Zaburi 143:10). Imana ntiyigera inyegeza ubugombe bwayo kuri twebwe; yifuza kubuduhishurira. Mu bisanzwe, yaramaze kutwereka inzira zayo nyinshi mw’Ijambo ryayo. Ijambo ry’Imana rivuga ngo “mwame mukenguruka muri vyose, kukw’ico ari co Imana ibigombako muri Kristo Yesu” (1 Tesalonike 5:18). Dukwiye gukora ibikorwa vyiza (1 Petero 2:15). Kandi dukwiye kumenya ko “Ico Imana igomba n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi” (1 Tesalonike 4:3).

Turashobora kumenya no gusuzuma ubugombe bw’Imana. Abaroma 12:2 havuga ngo, “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” Ico gisomwa kiratwereka urutonde ruhambaye: umwana w’Imana ntiyemera kwishushanya n’isi ariko arishikana ngo ahindurwe na Mpwemu Yera. Uko ubwenge bwiwe buhinduka buhinduwe n’ivy’Imana, ni ko arushirizaho kumenya ubugombe bw’Imana butunganye.

Igihe turondera ubugombe bw’Imana, dutegerezwa gusuzuma ko ivyo twifuza bitari mu vyo Bibiliya itubuza. Nk’akarorero, Bibiliya iratubuza kwiba; kubera yuko Imana yamaze gutanga inyishu itomoye kuri ico kibazo, tuca tumenya ko atari ubugombe bw’Imana ko tuba ibisuma bisahura mu mabanke—ivyo nta n’akamaro ko kwirirwa turabisengera. Dutegerezwa kandi kumenya ko ivyo twifuza bizohesha Imana icubahiro canke ko bizodufasha twebwe n’abandi gukura mu buryo bw’impwemu.

Kumenya ubugombe bw’Imana rimwe na rimwe biragoye kuko bisaba ukwihangana. Ni ibisanzwe ko twifuza kumenya ubugombe bw’Imana bitagoranye mu buryo bwihuse, yamara akenshi uko si ko Imana ikora. Imana iduhishurira intambuko imwe inyuma y’iyindi—intambuko yose ikaba iyo kwizera—ivyo bigatuma tubandanya kuyizera. Ikintu gihambaye ni uko mu gihe tukirindiriye kumenya aho Imana igomba ko dutumbera dukwiye kubandanya gukora ivyiza tuzi ko dukwiye kubandanya gukora (Yakobo 4:17).

Akenshi twifuza ko Imana idutomorera—ni hehe dukwiye gusaba akazi, ni hehe dukwiye kuba, ni nde dukwiye kwubakana, ni iyihe modoka dukwiye kugura, n’ibindi. Imana iratwemerera guhitamwo, kandi, igihe tuyiyeguriye ngo ituyobore iraturinda guhitamwo nabi (raba Ivyakozwe n’Intumwa 16:6-7).

Mu buzima bwa misi yose, uko turushirizaho kumenyerana n’umuntu kanaka, ni ko turushirizaho kumenya ivyo akunda. Nk’akarorero, igihe umwana ariko arakina umupira, maze wa mupira ugasimba ukaja hakurya y’ibarabara ririmwo imiduga myinshi, wa mwana arawukurikiza amaso, mugabo ntiyinjira mw’ibarabara ngo awukurikire kuko azi ko “papa yamubujije kuja mw’ibarabara.” Ntiyama abaza se ico ari bukore buri gihe; arazi ico se yomubwira kuko asanzwe amuzi neza. Ni ko bimeze no mu migenderanire yacu n’Imana. Igihe tugendana n’Umwami, tukumvira ico Ijambo ryiwe ridutegeka, tukayaborwa na Mpwemu wiwe, dusanga twahawe ivyiyumviro vya Kristo (1 Ab’i Korinto 2:16). Ko dusanzwe tumuzi, ivyo biradufasha kurushirizaho kumenya ubugombe bwiwe. Kuyoborwa n’Imana biba hafi yacu. “Ubugororotsi bg’umuntu atunganye buzogorora inzira yiwe, Arik’umunyakibi azotsitara ku bubi bgiwe bgite” (Imigani 11:5).

Ni twagendana n’Umwami tukifuza vy’ukuri kumenya ubugombe bwiwe mu kubaho kwacu, Imana izoshira ivyifuzo vyayo mu mitima yacu. Urupfunguzo rw’ivyo ni ukwifuza kumenya ubugombe bw’Imana, atari ubwacu. “Uhimbarwe n’Uhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba” (Zaburi 37:4).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ni gute nomenya ubugombe bw’Imana ku bugingo bwanje ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kumenya ubugombe bw’Imana ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries