settings icon
share icon
Ikibazo

Ni gute nokwitatura n’Imana ?

Inyishu


Kugira ngo twitature n’Imana, dutegerezwa kubanza gutahura aho ingorane iri. Inyishu kuri ico kibazo ni icaha. “Barazimiye iyo bava bakagera, bose banduye hamwe” (Zaburi 14:3). Twese twaragararije ivyagezwe vy’Imana; “Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire” (Yesaya 53:6).

Inkuru mbi ni uko igihano c’icaha ari urupfu. “Umuntu akora icaha ni we azopfa” (Ezekiyeli 18:4). Inkuru nziza ni uko Imana y’urukundo yadukurikiranye kugira ngo idushikane ku gakiza. Yesu yaratangaje intumbero yiwe ko ari “ukurondera no gukiza icari cazimiyeto” (Luka 19:10), yarongeye aratangaza ko yarangije intumbero yiwe igihe yari ku musaraba agasemerera ati: “Birarangiye!” (Yohana 19:30).

Ukugirirana n’Imana imigenderanire myiza bitangurwa no kwemera icaha cawe. Inyuma y’aho haca haza ukwatura ivyaha vyawe n’umutima uciye bugufi (Yesaya 57:15) hamwe no gufata ingingo yo guheba icaha. “Kuk’umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza” (Abaroma 10:10).

Ukwo kwihana gutegerezwa kugendana n’ukwizera – ni ukuvuga ko wizera ko urupfu rwa Yesu n’ukuzuka kwiwe kw’igitangaza bimugira Umukiza wawe. “Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ar’Umwami, ukizera mu mutima y’ukw’Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa.” (Abaroma 10:9). Hariho iyindi mirongo myinshi yerekana ko ukwizera gukenewe, nka Yohana 20:27; Ivyakozwe n’Intumwa 16:31; Ab’i Galatiya 2:16; 3:11, 26; n’Abanyefeso 2:8.

Ukwitatura n’Imana n’inyishu utanga ku gikorwa Imana yagukoreye. Yarungitse Umukiza, yaratanze ikimazi kugira ngo ikureho icaha cawe (Yohana 1:29), kandi iraguha n’iri sezerano: “Kand’umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa” (Ivyakozwe n’Intumwa 2:21).

Umugani w’umwana w’icanganzi uratwereka akarorero keza ko kwihana (Luka 15:11-32). Umuhungu muto yarononeshe ingabire ya se ivyaha biteye isoni (umurogo 13). Igihe yari amaze kwemera amakosa yiwe, yaciye afata ingingo yo gusubira i muhira (umurongo 18). Yaramenye ko atagikwiye kwitwa umwana (umurongo 19), ahubwo ko yacumuye. Uwo muvyeyi yarakunda uwo mwana wiwe yagarutse nk’uko yamukunda kera (umurongo 20). Ivyaha vyose vyarababariwe, maze hakurikirako umusi mukuru (umurongo 24). Imana ni nziza kandi izogumya amasezerano yayo, harimwo n’ayo guharira ivyaha. “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse” (Zaburi 34:18).

Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nk’Umukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: “Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubw’ukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje n’imbabazi zawe n’ingabire y’ubugingo budashira! Amen!”

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ni gute nokwitatura n’Imana ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries