settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ?

Inyishu


Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ? Ni gute umuntu aronka intumbero n’ugutunganirwa mu kubaho kwiwe ? Ni gute umuntu yoshikira ikintu c’ingirakamaro mu kubaho kwiwe ? Abantu benshi bama bibaza ivyo bibazo nkoramutima. Ivyo bavyibaza bamaze gusubiza amaso inyuma bakaraba imyaka yabo ya kahise maze bakibaza ingene batakaje ubucuti n’abagenzi babo n’ingene bumva mu mitima yabo hagaragara naho vyoba biboneka ko bateye intambwe iboneka y’ubuzima. Babajije umunonotsi umwe yari amaze gushika ku rugero rwo hejuru mu vy’inkino ico yifuza ko yari kubwirwa agitangura ivy’inkino. Uwo munonotsi yishuye ati: “Iyo hagira uwumbarira ko umuntu ashitse kw’isonga ryo kwamamara ata na kimwe kiriyo.” Umuntu amenya ko yari yakurikiye intumbero zitari zo haheze imyaka maze akabona ko imyaka yiwe yayipfishije ubusa.

Mw’isi y’uno musi, abantu bakurikira ibintu bitari bike biyumvira ko bizobashikana mu gutunganirwa. Bimwe mu vyo abantu bakurikira harimwo gutera imbere mu rudandazwa, ubutunzi, imigenderanire myiza, uguhuza ibitsina, ukwinezereza, no kugirira abandi ivyiza. Abantu benshi barashinze intahe ko naho bari bamaze gushika ku ntumbero bari barihaye mu vy’ubutunzi, mu mibano n’abandi, mu kwinezereza bagumye bumva muri bo hari ikibura, ikinogo mu mitima yabo kitashobora kwuzuzwa n’ikindi kintu.

Umwanditsi w’igitabo co muri Bibiliya citwa Umusiguzi aratubwira ivy’ico kinogo kiri mu mutima igihe yavuga ati: “N’ubusa gusa… n’ubusa gusa, vyose n’ubusa” (Umusiguzi 1:2). Umwami Salomo, ari we yanditse igitabo c’Umusiguzi, yari afise ubutunzi butagira uko bungana, ubwenge burengeye ubw’abantu bose bo mu gihe ciwe no mu cacu, abagore amajana, ingoro n’amatongo ata wundi yari abifise mu bwami bwiwe, imfungurwa n’ibinyobwa vyiza, n’ibinezereza vy’uburyo bwose. Igihe yavuze ko ivyo umutima wiwe wifuje yabironse. Ariko yasozereye ukubaho kwiwe avuga ati “ukubaho musi y’izuba”—ni ukuvuga ukubaho uzi ko ibiriho mu buzima ari ivyo umuntu ashobora kubonesha amaso no gukorako gusa—ata co bumaze. Ni kuki mu mutima wiwe hari ikinogo ? Ni kubera yuko hariho ikindi kintu Imana yaturemeye kirengeye ivyo dushobora kubonesha amaso hano mw’isi. Salomo yavuze ko Imana “yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo...” (Umusiguzi 3:11). Mu mitima yacu turazi ko yuko ivyo tubonesha amaso biriho mu gihe ca none atari kwo kuri kwose.

Mw’Itanguriro, ari co gitabo gitangurira ibindi muri Bibiliya, turabona ko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo (Itanguriro 1:26). Ibi bisobanura ko dusa n’Imana kurusha uko dusa n’ikindi kintu ico ari co cose (ishusho y’ikindi kintu). Turabona kandi ko imbere y’uko umuntu agwa mu caha maze umuvumo w’icaha ugatera isi, ibi bintu bikurikira vyari ukuri: 1) Imana yaremye umuntu imugira ikiremwa gikeneye abandi bantu (Itanguriro 2:18-25); 2) Imana yahaye umuntu igikorwa (Itanguriro 2:15); 3) Imana yari ifitaniye n’umuntu imigenderanire (Itanguriro 3:8); kandi 4) Imana yahaye umuntu ububasha bwo kuganza isi (Itanguriro 1:26). None ivyo bifise akahe kamaro ? Imana yashaka ko kimwe cose muri ivyo vyodufasha gushikira intumbero y’ukubaho kwacu, ariko ivyo vyose (cane cane ubucuti bw’Imana n’umuntu) vyaratosekajwe n’ukugwa mu caha kw’umuntu hamwe n’umuvumo isi yavumwe (Itanguriro 3).

Mu Vyahishuriwe Yohana, ari co gitabo ca nyuma co muri Bibiliya, Imana irahishura ko izokomvomvora isi n’ijuru vya none maze izane ibihe bidashira imaze kurema ijuru rishi n’isi nsha. Ico gihe niho izonagura ubucuti bwayo n’abantu bacunguwe abanyavyaha na bo bazoba baciriwe urubanza hanyuma batabwe mu kiyaga caka umuriro (Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15). Umuvumo w’icaha uzoba wakuweho; nta caha kizoba kikiriho, nta mubabaro, nta kurwara, nta rupfu canke maganya azoba akiriho (Ivyahishuriwe Yohana 21:4). Imana izoba hagati y’abantu nabo bazoyibera abana (Ivyahishuriwe Yohana 21:7). Ivyo bitujana ku muzingi ugizwe n’ibi bintu bikurikira: Imana yaremye umuntu kugira ngo agiriranire na yo imigenderanire myiza, umuntu aracumura, yonona ya migenderanire, Imana igarukana ya migenderanire mu gutanga bugingo budashira. Kuronka vyose umuntu yifuza mu kubaho kwiwe hanyuma agapfa atandukanye n’Imana ibihe bidashira vyoba bibabaje cane! Yamara Imana yarashizeho inzira yo kudushoboza kuronka umunezero w’ibihe bidashira (Luka 23:43) no kudushoboza kubaho ubuzima bw’umunezero n’insobanuro hano mw’isi. None uwo munezero w’ibihe bidashira n’uwo mw’isi uboneka gute ?

Insobanuro y’ubugingo bushasha bubonerwa muri Kristo

Insobanuro y’ukuri y’ubuzima, haba ubu canke mu bihe bidashira, ibonekera mu kunagurwa kw’imigenderanire n’Imana yononywe n’ukugwa kwa Adamu na Eva mu caha. Iyo migenderanire n’Imana nta handi ishobokera idaciye mu Mwana wayo, Yesu Kristo (Ivyakozwe n’Intumwa 4:12; Yohana 1:12; 14:6). Turonka ubugingo budashira igihe twihanye icaha (kandi ntitube tucifuza kuba muri co) kandi Kristo araduhindura, akatugira ivyaremwe bisha, kandi twisunga Yesu Kristo nk’Umukiza wacu.

Insiguro y’ukuri ntibonekera mu kwizera Yesu gusa nk’Umukiza, naho ivyo ari ivy’igitangaza. Ahubwo, insobanuro y’ukuri y’ubuzima iboneka igihe umuntu atanguye gukurikira Yesu nk’umwigishwa, akigira kuri we, akabana na we asoma Ijambo ryiwe, akavugana na we mu gusenga, kandi akagendana na we mu kwumvira ivyagezwe vyiwe. Ni waba utaraba Umkristo (canke uri Umukristo mushasha), ushobora kuba uriko uribwira ngo: “Numva ivyo bitandyoheye!” Mugabo Yesu yavuze aya majambo akurikira:

“Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima. Kukw’ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11:28-30). “Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse” (Yohana 10:10b). “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Kuk’ugomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’uzoheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka” (Matayo 16:24-25). “Uhimbarwe n’Uhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba” (Zaburi 37:4).

Ico iyo mirongo yose itubwira ni uko dufise uburyo bwo guhitamwo. Turashobora kubandanya kurondera kwiyoborera ubugingo bwacu, ivyo na vyo nta kindi bitanga atari ukugira umutima uburaniwe, canke tugahitamwo gukurikira Imana n’inzira yayo n’imitima yacu yose mu kubaho kwacu, tugahabwa ivy’imitima yacu yifuza, maze tukaronka uguhazwa n’ukubumbwa n’ivyo dufise. Ivyo biri uko kuko Umuremyi wacu adukunda kandi atwifuriza ivyiza (atari ngombwa ko turonka ukubaho kworoshe, yamara ukubaho kwuzuye umunezero wiwe).

Ukubaho nk’Abakristo bigereranywa n’umuntu agenda ku kibuga c’inkino maze agategerezwa guhitamwo kugura itike izimvye mugabo imuha ikibanza ciza gituma abona neza urukino canke akagura itike y’amahera make maze akarabira urukino kure. “Kwicara ku ntebe y’imbere” maze tukitegereza ivyo Imana ikora ni co kintu twari dukwiye guhitamwo, ariko yamara birababaje ko benshi badahitamwo ico kibanza. Ababaye abigishwa ba Yesu bakamwiyegurira n’imitima yabo yose kandi vy’ukuri bahevye gukurikira ivyifuzo vyabo ahubwo bagakurikira intumbero z’Imana ni bo babona Imana ingene ikora mu bugingo bwabo. Abo baratanze igiciro (ukwiyegurira Kristo n’ubugombe bwiwe); abo babayeho ubugingo bwuzuye; kandi bashobora guhangana n’ivyifuzo vyabo, ivya bagenzi babo, bakemera ubugombe bw’Umuremyi wabo ata co bicuza. Mbega wewe waramaze gutanga ico giciro ? Uriteguye kugitanga ? Ni waba umaze kugera kuri iyo ntambuko ntuzokwongera kubuzwa amahoro no kubura intumbero n’insobanuro y’ubuzima.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries