settings icon
share icon
Ikibazo

Ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ni iki ?

Inyishu


Ahantu ha mbere tubona abantu bavuze mu zindi dimi zitamenyekana ni ku musi wa pentekote mu Vyakozwe n’Intumwa 2:1-4. Intumwa zarasohotse, zibwira ishengero ryari aho Ijambo ry’Imana, zibabwira mu ndimi zabo: “Tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana!” (Ivyakozwe n’Intumwa 2:11). Ijambo ry’Ikigiriki risobanuwemwo indimi zitamenyekana risobanura “indimi zitandukanye.” Kubw’ivyo ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ni ukuvuga mu rurimi uwuruvuga atazi kugira ngo abwire Ijambo ry’imana uwumva urwo rurimi. Mu 1 Ab’i Korinto 12–14, Paulo arasobanura ivyerekeye ingabire z’ibitangaza maze avuga ati: “Ariko none, bene Data, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, cank’ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n’Imana, canke kwigisha ?” (1 Ab’i Korinto 14:6). Nk’uko intumwa Paulo abivuga, , kandi dufatiye ku vyo twasomye mu Vyakozwe n’Intumwa, kuvuga mu ndimi zitamenyekana bifitiye akamaro uwumva ubutumwa buvuye ku Mana mu rurimi rwiwe, ariko nta co bibamarira abandi kiretse bisobanuwe mu rurimi bumva.

Umuntu afise ingabire yo gusobanura indimi zitamenyakana (1 Ab’i Korinto 12:30) we arashobora gutahura ivyo uwuvuga ururimi rutamenyekana avuga naho atoba azi ururimi uwo muntu avugamwo urwo ari rwo. Uwo afise ingabire yo gusobanura aca ashikiriza ubwo butumwa abatumva urwo rurimi kugira ngo bose batahure. “N’ukuvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngw’ahabge kubisobanura” (1 Ab’i Korinto 14:13). Indunduro Paulo atanga ku vyerekeye ukuvuga indimi zitamenyekana mugabo zidasobanuwe irakomeye: “Ariko mw’ishengero nopfuma mvugisha ubgenge bganje amajambo atanu, kugira ngo nigishe n’abandi, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rurimi rutamenyekana” (1 Ab’i Korinto 14:19).

Mbega ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana yoba igikora n’uyu musi ? Mu 1 Ab’i Korinto 13:8 turabona ko iyo ngabire izoshika aho ihera, naho uwo murongo uvuga ko izoherana n’uko haje “igihinguye” nk’uko tubibona mu 1 Ab’i Korinto 13:10. Bamwe barakoresha amavuga y’ururimi rw’Ikigiriki avuga ko ingabire z’ukuvugishwa no kumenya ko “zizohera”, ku ngabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana na ho bagakoreshe irivuga rivuga ko “iriko irahera”, bagaca basobanura ko iyo ngabire yahagaze imbere y’uko “igihinguye” gishika. Naho ivyo vyoba bishoboka, ingorane ni uko bitaboneka neza muri ico gisomwa co mu Bikorinto. Abandi nabo bakoresha ibisomwa nka Yesaya 28:11 na Yoweli 2:28-29 mu kwemeza ko ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ari ikimenyetso c’uko Imana igira ice amateka. 1 Korinto 14:22 havuga ko indimi zitamenyekana ari “ikimenyetso ku batizera.” Dufatiye kuri ivyo abo bigisha, ingabire y’indimi zitamenyekana cari ikimenyetso kigabisha Abayuda ko Imana yari igiye guhana Abisirayeli kuko banse kwemera Yesu Kristo nka Mesiya. Kubw’ivyo, nk’uko iyo nyigisho ivuga, igihe Imana yacirako iteka Abayuda (Yerusalemu imaze gusamburwa n’Abaroma mu mwaka wa 70), iyo ngabire ntiyari igifise akamaro, nk’uko iyo ngigisho ivuga. Naho ivyo bishoboka, si ngombwa ko iyo ngabire ihagarara kugira ngo intumbero ya mbere yari yari yarishiriweho ishitswe. Bibiliya ntitomora neza ko iyo ingabire y’indimi zitamenyekana yahagaze.

Ariko ni yaba ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana igikora mw’ishengero, itegerezwa gukoreshwa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Zikwiye ku ba indimi zitahurika kandi z’ukuri (1 Ab’i Korinto 14:10). Ikwiye gukoreshwa mu gushikiriza Ijambo ry’Imana ku bantu bafise ururimi rutandukanye n’urwacu (Ivyakozwe n’Intumwa 2:6-12). Ikwiye kwisunga itegeko Imana yatanze iciye mu ntumwa Paulo: “Ni haba harih’abavuga ururimi rutamenyekana, havuge babiri canke batatu, badasaga, kandi bavuge bakurikirana, hagire ubisobanura” (1 Ab’i Korinto 14:27-28). Ikwiye kandi gukoreshwa hisunzwe itegeko tubona mu 1 Korinto 14:33: “Kukw’Imana atar’iy’umuvurungano, ariko n’iy’amahoro.”

Imana irashobora gutanga ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana kugira ngo ishoboze uwo umuntu kanaka kubwira Ijambo ryayo umuntu avuga urundi rurimi rutandukanye n’urwiwe. Mpwemu Yera atanga ingabire uko we agomba (1 Ab’i Korinto 12:11). Iyumvire ingene abamisiyonere boronka umwimbu mwinshi urushirije iyaba batarinda kwiga indimi z’abandi bantu, ahubwo iyaba vyashoboka ko bashika bavuga indimi z’abo baje kubwira ubutumwa. Ariko, Imana si uko ikora. Uyu musi, iyo ngabire ntiboneka nk’uko yakora mu ntango y’igihe c’Isezerano Risha, naho biboneka ko yogira akamaro kanini cane. Abenshi mu Bakristo bavuga ko bafise ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ntibabikora nk’uko Ijambo ry’Imana twamaze gusoma ribidutegeka. Ivyo vyose tumaze kuvuga bitwigisha ko ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana itagikora canke naho ko naho yoba ikora iboneka gake mu nteguro Imana ifitiye ishengero uyu musi.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ni iki ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries