settings icon
share icon
Ikibazo

Idini ryiza kuri jewe ni irihe ?

Inyishu


Amazu y’uburiro amwe amwe, mu gukwegakwega abantu, abemerera gusaba indya zimeze nk’uko abazikeneye bavyifuza ata kivuyemwo. Ubunywero bw’ikawa bumwe bumwe na bwo buvuga ko bufise ubwoko amajana bw’ikawa butandukanye. Mbere n’igihe umuntu ashaka kugura inzu canke imodoka, aritonda agahitamwo iyikwije ivyo yifuza vyose. Ntitukiri mu bihe vya kera aho uburyo bwo guhitamwo bwari buke cane. Ubu umuntu yihitiramwo ico agomvye! Ushobora kuronka buri kintu cose wifuza biturutse ku vyo ukunda n’ivyo ukeneye.

None ku bijanye n’idini ukwiriye kujamwo ho umuntu yobivuga ko iki ? Mbega umuntu ntiyokwohitiramwo idini ataco rimutungako urutoke, ata co rimusaba, kandi ritagira amategeko y’ivyo umuntu yokora n’ivyo atokora ? Amadini nk’ayo aruzuye nk’uko maze kubivuga. Umuntu yoca yibaza ariko ati none idini ni ikintu umuntu yohitamwo nka kurya ahitamwo akanovera k’ivyo kurya ?

Hariho amajwi menshi aduhamagara kugira ngo tuyumvirize, none ni kuki umuntu yorutisha Yesu Muhammad canke Confucius, Buddha, canke Charles Taze Russell, canke Joseph Smith ? None inzira zose ntizishikana abantu mw’ijuru ? None muri rusangi amadini yose si amwe ? Ukuri ni uko amadini yose adashikana abantu mw'ijuru, nk'uko amayira yose ataja mu ntara imwe.

Ni ijwi rya Yesu gusa ririmwo ububasha bw’Imana kuko ari Yesu wenyene yatsinze urupfu. Muhammad, Confucius, n’abandi baracari mu mva zabo gushika kuri ano mango. Ariko Yesu, kubw’ububasha bwiwe, yaravuye mu mva inyuma y’imisi itatu apfuye urupfu ruteye ubwoba ku musaraba. Dutegerezwa kwumvira umuntu wese yerekana ko afise ububasha ku rupfu. Dukwiye gutega amatwi umuntu nk’uyo.

Ivyemezo bishigikira ukuzuka kwa Yesu ni injojo. Hariho abantu barenga amajana atanu b’ivyabona vy’ukuzuka kwa Kristo! Ivyo ni ivyabona vyinshi cane. Nta muntu yoshobora kwirengagiza amajwi y’abantu amajana atanu. Hariho kandi icemezo c’uko imva ya Yesu igaragara. Abansi ba Yesu bari gushobora guhagarika inkuru zavuga ko Yesu yazutse mu kwerekana umuvyimba wiwe umaze kubora, ariko nta muvyimba bashoboye kwerekana! Mu mva yiwe nta na kimwe carimwo! Mbega boba ari abigishwa ba Yesu bivye umubiri wiwe ? Biragoye kwemeza. Kugira ngo birinde ko ivyo vyoshika, imva ya Yesu bayicungishije abasoba bafise ibirwanisho vyinshi. Kubera yuko tuzi ko benshi mu bakurikira Yesu ba hafi bari bamaze guhunga kubwo gutinya gufatwa, rero ntivyari gushoboka ko ako kagwi gatoya k’abarovyi batekewe n’ubwoba ari bo bari kuja guhangana n’abasoda bigishijwe neza ivya gisirikare. Ikindi ni uko batari guheba ubuzima bwabo mu nyuma bakicwa bazira Yesu nk’uko benshi muri bo bishwe mu gihe boba bashingira intahe ibinyomana. Muri make nta muntu n’uwe yoshobora guhakana ko Yesu yazutse!

Ikindi naco ni uko uwo muntu afise ububasha ku rupfu akwiye gutegwa amatwi. Yesu yarerekanye ko afise ububasha ku rupfu; kubw’ivyo rero, dutegerezwa gutega amatwi ico Yesu avuga. Yesu avuga ko ari we wenyene nzira y’agakiza (Yohana 14:6). Yesu si imwe mu nzira nyinshi. Yesu ni we wenyene ari inzira.

Kandi ni uwo Yesu nyene avuga ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura” (Matayo 11:28). Tuba mw’isi igoye cane kandi ubuzima na bwo ntibworoshe. Abenshi muri twebwe tugenda tuvirirana, twarakomeretse, twuzuyeko inkovu. Ivyo si ko biri ? None dukeneye iki ? Dukeneye ukunagurwa canke dukeneye idini gusa ? Mbega dukeneye Umucunguzi ari muzima canke dukeneye umwe mu “bavugishwa” bamaze gupfa ? Twoba dukeneye imigenderanire mizima ? Yesu si umwe muri benshi dukwiye guhitamwo—ahubwo ni we wenyene dukwiye guhitamwo!

Yesu ni we “dini” y’ukuri ni waba urondera kubabarirwa ivyaha (Ivyakozwe n’Intumwa 10:43). Yesu ni we “dini” ry’ukuri ni waba urondera kugirana n’Imana imigenderanire mizina (Yohana 10:10). Yesu ni we “dini” y’ukuri ni waba urondere aho uzoba ibihe bidashira mw’ijuru (Yohana 3:16). Shira ukwizera kwawe muri Yesu Kristo nk’Umukiza wawe; ntuzigira uvyicuza na mba! Ni umwizere aguharire ivyaha vyawe; ntazigera aguhemukira.

Ni waba ugomba kugirirana n’Imana “imiginderanire myiza”, hano hariho isengesho ryoroshe ryogufasha. Wibuke ko ugusenga rino sengehso canke gusenga irindi sengesho atari vyo bigukiza. Ikigukiza ni ukwizera ko Kristo ashobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. “Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiye guhanwa. Ariko Yesu Kristo yarikoreye igihano nari nkwiye kuronka kugira ngo biciye mu kumwizera nshobore kuronka imbabazi. Ndakwizeye kugira ngo unkize. Ndagushimiye kubw’ubuntu bwawe butangaje n’imbabazi zawe – ingabire y’ubugingo budashira! Amen!”

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Idini ryiza kuri jewe ni irihe ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries