Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ibikoko vyitwa dinosaures? Mbega muri Bibiliya haravugwamwo ibikoko vyitwa dinosaures?



Ikibazo : Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ibikoko vyitwa dinosaures? Mbega muri Bibiliya haravugwamwo ibikoko vyitwa dinosaures?

Inyishu :
Ivyerekeye ibikoko vyabayeho muri kahise vyitwa dinosaures muri Bibiliya ni kimwe Abakristo bakunze kudahurizako ufatiye ku myaka abantu biyumvira ko isi yoba imaze, insiguro nyayo y’igitabo c’Itanguriro, hamwe n’ingene twosobanura ibintu tubonesha amaso hirya no hino. Abizera ko isi imaze imyaka myinshi idaharurika bavuga ko ata co Bibiliya ivuga kuri ivyo bikoko vyitwa dinosaures kubera yuko nk’uko babisobanura, haheze imyaka imyaka amamiliyoni menshi ivyo bikoko bizimanganye kw’isi, imbere y’uko abantu batangura kubaho kw’isi. Kubw’ivyo, nk’uko babisobanura, abanditse Bibiliya ntibaronse akaryo ko kubona ivyo bikoko vyitwa dinosaures.

Abizera ko isi imaze imyaka itari ikirenga nk’abo ba mbere bo bemera ko ivyo bikoko bivugwa muri Bibiliya, naho ubwayo ataho ikoresha ijambo “dinosaure.” Mu gishingo c’iryo jambo, nk’uko babivuga, Bibiliya ikoresha ijambo ry’Igiheburayo tanniyn, risobanurwa mu buryo butandukanye. Bibiliya y’Ikirundi ikoresha ijambo“igisato” canke “ingona.” Birashoboka ko co gikoko citwa tanniyn coba cari igikoko gikwega inda hasi c’amahero mu bunini. Ivyo bikoko bivugwa incuro zigera kuri mirongo itatu mw’Isezerano rya Kera kandi bikaba vyaboneka ku butaka no mu mazi.

I ruhande y’ivyo bikoko bikwega inda hasi, Bibiliya iravuga ibindi bikoko abahinga bamwe biyumvira ko bishobora kuba ari ivyo mu bwoko bwa dinosaures. Bivugwa ko igikoko citwa behemoth ari co cari gikomeye kurusha ibindi mu vyo Imana yaremye kandi umurizo waco ugereranywa n’igiti c’isederi (Bibiliya y’Ikirundi muri Yobu 40:15 ikoresha ijambo ‘imvubu’). Abahinga bamwe bagerageje kugereranya ico gikoko behemoth n’inzovu canke imvubu. Abandi bavuga ko inzovu n’imvubu zifise imirizo mito mito idashobora kugereranywa n’igiti c’isederi.

Muri kahise k’amahanga menshi abantu baracapa ibikoko bikwega inda hasi binini cane. Ibicapu vyashushanywa ku bitandara, ivyabazwa mu biti, canke ivyabumbwa vyabonetse muri Amerika ya ruguru vyose vyarerekana amashusho asa n’ivyo bikoko vyitwa dinosaures. Amashusho akorogoshowe mu mabuye yabonywe muri Amerika yo mu bumanuko arerekana abantu bagira ku bikoko bisa cane na dinosaures. Yaba amashusho yashushanijwe n’Abaroma, ivyabumbwe n’abo mu bwoko bw’aba Maya, mbere n’amashusho ari ku bihome vyo mu bisagara vy’Abanyababuloni yose arerakana ko abantu b’ico gihe bari bazi ivyo bikoko. Inkuru zanditswe kera cane harimwo n’iyitwa Il Milione yanditswe n’uwitwa Marco Polo iravuga ibikoko vyanyegeza ibintu vy’agaciro. I ruhande y’ivyemezo vyinshi vya kahise vyerekana ko umuntu yabayeho mu gihe kimwe n’ivyo bikoko vyitwa dinosaures, hariho ibindi vyemezo nk’amakanda y’aho abantu bahonyoye n’ay’ivyo bikoko yasanzwe ari hamwe muri Amerika ya ruguru no muri Aziya yo hagati ishira uburengero.

Umuntu yokwibaza rero ati, mbega turasanga ibikoko vyitwa dinosaures muri Bibiliya? Nta nyishu itomoye iriho kuri ico kibazo. Bifatiye ku kungene umuntu asobanura ivyemezo biboneka n’ingene abona isi imukikije. Umuntu asobanuye Bibiliya ijambo ku rindi aca aronka inyishu ivuga ko isi imaze imyaka myinshi mugabo itari umurengera gurtyo akaca abona ko ivyo bikoko vyo mu bwoko bwa dinosaures vyabereho rimwe n’abantu. None nimba umuntu yabayeho mu gihe kimwe n’ivyo bikoko, none ivyo bikoko vyashikiwe n’iki? Naho Bibiliya ataco ivuga kuri ivyo, birashoboka ko ivyo bikoko vyitwa dinosaures vyoba vyahonye inyuma y’umwuzure biturutse kw’ihinduka ry’ikirere n’uko umuntu yabihize cane gushika igihe bihoneye kw’isi, bikazimangana.



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi



Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ibikoko vyitwa dinosaures? Mbega muri Bibiliya haravugwamwo ibikoko vyitwa dinosaures?