settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega ibikoko abantu batunga mu mazu co kimwe n’ibindi bikoko bizoja mw’ijuru ? Mbega ivyo bikoko birafise impwemu ?

Inyishu


Bibiliya ntiyigisha mu buryo butomoye ko ibikoko abantu batunze mu mazu co kimwe n’ibindi bikoko bifise “impwemu” canke ko bizoja mw’ijuru. Yamara, turashobora gukoresha ibintu ngenderwako vyo muri Bibiliya kugira ngo turonke umuco kuri ico kibazo. Bibiliya ivuga ko yaba umuntu (Itanguriro 2:7) canke ibikoko (Itanguriro 1:30; 6:17; 7:15, 22) vyose “bifise impwemu z’abazima”; ivyo bisobanura ko yaba umuntu canke ibikoko vyose bifise ubuzima. Itandukaniro nyamukuru riri hagati y’abantu n’ibikoko ni uko abantu bo baremwe mw’ishusho y’Imana (Itanguriro 1:26-27), mu gihe ibikoko vyo atariko vyaremwe. Kuremwa mw’ishusho y’Imana bisobanura ko abantu basa n’Imana, bafise impwemu, bafise ubwenge, ibishobisho n’ubugombe, kandi bakaba bafise igice muri bo kibandanya kubaho n’inyuma y’urupfu. Nimba ibikoko bifise “impwemu”, ishobora kuba itandukanye n’iy’abantu canke ikaba musi y’izabo. Iryo tandukaniro rishobora gusobanura ko “impwemu” z’ibikoko zitabandanya kubaho bimaze gupfa.

Ikintu dukwiye kumenya ni uko ibikoko biri mu vyo Imana yaremye nk’uko tubibona mu gitabo c’Itanguriro. Imana yararemye ibikoko maze ivuga ko ari vyiza (Itanguriro 1:25). Kubw’ivyo nta mvo n’imwe umuntu yoronka mu kuvuga ko mw’isi nsha ata bikoko bizoba bihari (Ivyahishuriwe Yohana 21:1). Mu nganji ya Kristo y’imyaka igihumbi, nta nkeka ko ibikoko bizoba biriho (Yesaya 11:6; 65:25). Biragoye kuvuga ko bimwe muri ivyo bikoko bizoba ari bimwe twatunze mu mazu yacu tukiri mw’isi. Turazi ko Imana itunganye kandi ko ni twashika mw’ijuru tuzonezerezwa n’ingingo izoba yafashe kuri ico kibazo, uko izoba iri kwose.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega ibikoko abantu batunga mu mazu co kimwe n’ibindi bikoko bizoja mw’ijuru ? Mbega ivyo bikoko birafise impwemu ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries