settings icon
share icon
Ikibazo

Ni ibihe bintu biranga Imana ? Imana isa gute ?

Inyishu


Bibiliya, ari yo Jambo ry’Imana, iratwereka ingene Imana n’uko idasa. Tutisunze ububasha bwa Bibiliya, ico twokora cose mu kugerageza gusobanura ibiranga Imana vyoba ari ivyiyumviro vyacu gusa, kandi akenshi ivyo na vyo birimwo ukwihenda, cane cane mu gutahura Imana iyo ari yo (Yobu 42:7). Kuvuga ko ari ivy’ingirakamaro kuri twebwe kugerageza gutahura uko Imana iteye si ukwihenda. Ukatabikora bishobora kudutera kwishiriraho, kwirukanga inyuma y’ibintazi, no gusenga imana z’ibinyoma zidahwanye n’ubugombe bwayo (Kuvayo 20:3-5).

Ivyo dushobora kumenya gusa ni ivyo Imana yahisemwo kutwihishurira kuri yo. Kimwe mu biranga Imana ni uko ari “umuco”, bisobanura ko yihishura kandi yimenyekanisha ubwayo (Yesaya 60:19; Yakobo 1:17). Ukuba Imana yarahishuye ukumenyekana kwayo si ikintu co gufata minenerwe (Abaheburayo 4:1). Ivyaremwe, Bibiliya, na Jambo yigize umuntu (Yesu Kristo) biradufasha gutahura uko Imana iteye.

Reka tugerageze gutahura ko Imana ari yo Muremyi wacu kandi ko turi bimwe mu biremwa vyayo (Itanguriro 1:1; Zaburi 24:1) kandi twaremwe mw’ishusho yayo. Umuntu nico kiremwa kiri hejuru y’ibindi kandi yahawe kuganza ibindi biremwa (Itanguriro 1:26-28). Naho ivyaremwe vyatosekajwe n’ugucumura kw’umuntu biracarimwo ishusho y’ibikorwa vy’Imana (Itanguriro 3:17-18; Abaroma 1:19-20). Umuntu rero aravye ubwaguke bw’ivyaremwe, urusobane rwavyo, ubwiza bwavyo n’ingene biri mu rutonde rwiza, aca amenya ko Imana ihambaye.

Ukumenya amwe mu mazina y’Imana birashobora kudufasha mu kumenya uko Imana iteye. Ayo mazina ni aya akurikira:

Elohim – Umunyenkomezi, Imana (Itanguriro 1:1)
Adonai – Umwami, iryo zina ryerekana imigenderanire iri hagati y’umushumba na Shebuja (Kuvayo 4:10, 13)
El Elyon – Uwushizwe hejuru, Umunyenkomezi kurusha abandi (Itanguriro 14:20)
El Roi – Umunyenkomezi ashobora no kwitegereza (Itanguriro 16:13)
El Shaddai – Imana Nyenububasha (Itanguriro 17:1)
El Olam – Imana ibaho ibihe bidashira (Yesaya 40:28)
Yahweh - Umwami “Ndiho,” bisobanura Imana ibaho ibihe bidashira kandi itabeshejweho n’umuntu n’umwe (Kuvayo 3:13, 14).

Imana ibaho ibihe bidashira, ivyo bisobanura ko itagira intango kandi ukubaho kwayo kutazohagarara. Imana ntipfa kandi ntigira iherezo (Gusubira mu Vyagezwe 33:27; Zaburi 90:2; 1 Timoteyo 1:17). Imana ntihinduka; ivyo bisobanura ko Imana ari iyo kwizigirwa (Malaki 3:6; Guharura 23:19; Zaburi 102:26, 27). Nta muntu n’umwe yogereranywa n’Imana; nta n’umwe ahwanye na yo haba mu bikorwa no mu kamere kayo. Iratunganye kandi nta n’umwe ari ku rugero rwayo (2 Samweli 7:22; Zaburi 86:8; Yesaya 40:25; Matayo 5:48). Nta muntu n’umwe ashobora gutohoza Imana, kuyipfindura, kuyigirako ubushakashatsi, nta n’umwe ashobora kumenya akahise kayo canke ngo ayitahure ijana kw’ijana (Yesaya 40:28; Zaburi 145:3; Abaroma 11:33, 34).

Imana ni inyabutungane; ntitinya umuntu n’umwe canke ngo hagire uwo igirira akamwana-wa-mama (Gusubira mu Vyagezwe 32:4; Zaburi 18:30). Nta kintu na kimwe kinanira Imana; ni inyenkomezi kandi ikora ibiyihimbara vyose, ariko kandi ibikorwa vyayo bizokwama bihwanye n’akamere kayo (Ivyahishuriwe Yohana 19:6; Yeremiya 32:17, 27). Imana iba ahantu hose, bisobanura ko iba ahantu hose mu mwanya umwe, ariko ivyo ntibisobanura ko ibintu vyose ari Imana (Zaburi 139:7-13; Yeremiya 23:23). Imana izi vyose, ivyo bigasobanura ko izi ivya kahise, ivya kubu, n’ivya kazoza, harimwo n’ivyo tuba turiko turiyumvira umwanya uwo ari wo wose. Kubera yuko izi vyose, izokwama ishitsa ivyerekeye ubutungane bwayo ata kurenganya (Zaburi 139:1-5; Imigani 5:21). )

Imana ni imwe; ni yo Mana iriho gusa, kandi ni yo yonyene ishobora gushitsa ivyifuzo n’ubukene buva ibwina mu mitima yacu. Imana yonyene ni yo dukwiye kwiyegurira no gutazira (Gusubira mu Vyagezwe 6:4). Imana iragororotse, ivyo bisobanura ko Imana itirengagiza kandi itazokwigera yirengagiza ibibi. Ni kubw’ukugororoka n’ubutungane bw’Imana Yesu yahwanye n’uburake bw’Imana igihe ivyaha vyacu vyashirwa kuri we kugira ngo turonke ukubabarirwa (Kuvayo 9:27; Matayo 27:45-46; Abaroma 3:21-26).

Imana irigenga, ivyo bigasobanura ko iri hejuru ya vyose. Ivyo yaremye vyose naho vyoja hamwe ntibishobora guhagarika intumbero n’imigambi yayo (Zaburi 93:1; 95:3; Yeremiya 23:20). Imana ni impwemu, ivyo bisobanura ko tudashobora kuyibonesha amaso yacu (Yohana 1:18; 4:24). Imana ni Ubutatu. Igizwe n’abantu (canke abapersona) batatu bagize Imana imwe, bose banganya ubushobozi n’ubwiza. Imana ni ukuri, ntizokwigera irangwa n’ubugunge igiturire kandi ntishobora kubesha (Zaburi 117:2; 1 Samweli 15:29).

Imana ni iyera, iratandukanye n’ukwandura kwose kw’abantu kandi irakwanka. Imana irabona ibibi vyose bikorwa kandi birayishavuza. Imana iravugwa nk’umuriro utongora (Yesaya 6:3; Habakuki 1:13; Kuvayo 3:2, 4-5; Abaheburayo 12:29). Imana ni inyabuntu, kandi mu buntu bwayo harimwo ineza yayo, ukugira neza, imbabazi, n’urukundo. Iyo ataba ubuntu bw’Imana, ukwera kwayo ntikwotwemererewe kuba mu bwiza bwayo. Ariko Imana ishimwe kuko yifuza kumenyana n’umwe wese muri twebwe ku giti ciwe (Kuvayo 34:6; Zaburi 31:19; 1 Petero 1:3; Yohana 3:16, 17:3).

Kubera yuko Imana itagira iherezo, nta muntu n’umwe ashobora kwishura ico kibazo kuko gihwanye n’Imana ubwayo. Mugabo biciye mw’Ijambo ry’Imana, turashobora gutahura ibitari bike vyerekeye Imana iyo ari yo n’uko iteye. Ese icoduha tukabandanya kuyirondera n’imitima yacu yose (Yeremiya 29:13).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ni ibihe bintu biranga Imana ? Imana isa gute ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries