settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega inyigisho y’agakiza k’ibihe bidashira ishingiye kuri Bibiliya ?

Inyishu


Iyo umuntu yakiriye Yesu nk’Umukiza wiwe, aba yinjiye mu bucuti n’Imana bumuremesha ko agakiza kiwe kazozigamwa ibihe bidashira. Muri Yuda 24 havuga ngo: “Ishobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane.” Ububasha bw’Imana bushobora kuzigama Umukristo, bukamurinda kugwa. Ni igikorwa cayo, ntabwo ari icacu, kudushikana imbere yayo mu bwiza bwayo. Agakiza kacu k’ibihe bidashira gaturuka ku Mana ituzigama, ntigaturuka kuri twebwe twizigamira agakiza.

Umwami Yesu Kristo ni we yatangaje ati: “Kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje” (Yohana 10:28-29). Yesu na Se badushize mu biganza vyabo. None ni nde yoshobora kudukura muri ico kiganza ca Data n’Umwana ?

Abanyefeso 4:30 haratubwira ko abizera “bashizweko ikimenyetso gushitsa ku musi wo gucungurwa.” Iyo agakiza k’abizera kataba ari ak’ibihe bidashira, ikimenyetso bashizweko nticoshitse ku musi wo gucungurwa, ahubwo cogarukiye ku musi bacumuriyeko, umusi basubiriyeko inyuma, canke umusi batizeye. Muri Yohana 3:15-16 hatubwira ko uyo wese yizera Yesu Kristo “azohabwa ubugingo budashira.” Nimba umuntu yosezeranirwa ubugingo budashira, hanyuma akabutakaza, ubwo ntibwokwitwa “ubugingo budashira.” Iyo inyigisho y’agakiza k’ibihe bidashira iba atari iy’ukuri, amasezerano y’ubugingo budashira ari muri Bibiliya yobaye ari ibinyoma.

Umurongo ushigikira inyigisho y’agakiza k’ibihe bidashira kurusha iyindi ni Abaroma 8:38-39: “Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubugingo, cank’abamarayika, cank’abaganza, cank’ibiriho, cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.” Agakiza kacu k’ibihe bidashira gashingiye ku rukundo rw’Imana ifitiye abo yacunguye. Agakiza kacu k’ibihe bidashira katangiwe ikiguzi na Kristo, gasezeranwa na Data, maze gashirwako ikimenyetso na Mpwemu Yera.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega inyigisho y’agakiza k’ibihe bidashira ishingiye kuri Bibiliya ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries