settings icon
share icon
Ikibazo

Abapasitori/canke abavugabutumwa b’abakenyezi ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abakenyzi mu bikorwa vy’Imana ?

Inyishu


Kumbure ikibazo c’uko abakenyezi baba abapasitori/abavugabutumwa ni co kibazo giharirwako kurusha ibindi mw’ishengero uyu musi. Kubw’ivyo, ni nkenerwa cane ko abantu badafata iki kibazo nk’aho ari abagabo bahanganye n’abakenyezi. Hariho abakenyezi bizera ko abakenyezi bagenzi babo badakwiye kuba abapasitori, bizera kandi ko Bibiliya itegeka ko ibikorwa vy’abakenyezi mw’ishengero bigira aho bigarukira, hariho kandi n’abagabo bizera ko abakenyezi bashobora gukora igikorwa c’ubupasitori kandi ko ata nzitizi zikwiye kubaho ku bakenyezi mu bikorwa vy’Imana. Iki kibazo ntigishingiye ku kwanka abakenyezi canke ku kuvangura. Ni ikibazo cerekeye ingene Bibiliya isobanurwa.

Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Umugore yige atekereje agamburuka rwose. Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw’aganza umugabo, arikw’atekereze” (1 Timoteyo 2:11–12). Imana yahaye abagabo n’abagore ibikorwa bitandukanye mw’ishengero. Ivyo bituruka ku buryo Imana yaremye umuntu n’ingene icaha cinjiye mw’isi (1 Timoteyo 2:13–14). Imana iciye mu ntumwa Paulo irabuza abakenyezi kugira uruhara mu kwigisha/canke kugira ububasha ku bagabo. Ivyo birabuza abakenyezi kurongora abagabo nk’abapasitori, kuko ico gikorwa kirimwo kubabwira Ijambo ry’Imana, kubigisha ku mugaragaro, no kugira ububasha mu vy’impwemu ku bagabo.

Abantu benshi ntibemeranya n’iyo nyigisho yerekeye abakenyezi kutaba abapasitori. Inyishu ikunze kuza ni uko Paulo abuza abakenyezi kwigisha kuko mu kinjana ca mbere igihe Paulo yandika abakenyezi benshi ntibari barize. Yamara, muri 1 Timoteyo 2:11–14 nta na hamwe tubona ivyerekeye amashure. Iyo kwiga biba umuryango umuntu acamwo mu gukorera Imana, abenshi mu bigishwa ba Yesu ntibari kwemererwa gukorera Imana. Ikindi bavuga ni uko Paulo yabujije abakenyezi bo muri Efeso bonyene gusa kwigisha abagabo (1 Timoteyo candikiwe Timoteyo, ari yari umupasitori w’ishengero ryo muri Efeso). Igisagara ca Efeso cabaye rurangiranwa kubera ingoro y’ikigirwamana citwa Arutemi, kandi abagore ni bo bafata ikibanza c’imbere muri iyo ngoro—rero, bamwe baca bigisha ko Paulo ahanini yashatse guhagarika umugenzo w’abagore basenga ibigirwamana muri Efeso ngo ntiwinjire mw’ishengero. Yamara mu gitabo ca 1 Timoteyo nta na hamwe havugwa izina rya Arutemi kandi nta na hamwe Paulo avuga ko yabujije abakenyezi kwigisha mw’ishengero kubera abasenga Arutemi nk’uko dusoma muri 1 Timoteyo 2:11–12.

Ikindi abavuga ibinyuranye n’ivyo twavuze batanga nk’insiguro, bavuga ko Paulo yariko aravuga ku bagabo n’abagore bubakanye, ariko atariko aravuga ku bagabo n’abagore muri rusangi. Ni vyo amajambo y’Ikigiriki akoreshwa mu kuvuga “umugore” no mu kuvuga “umugabo” muri 1 Timoteyo 2 ashobora gusobanura abagabo n’abagore bubakanye; yamara, insobanuro y’ibanze y’ayo majambo iragutse, ntivuga gusa ku bubakanye. Vyongeye, ni ayo majambo y’Ikigiriki akoreshwa mu mirongo ya 8–10. Mbega ni abagabo bafise abagore basabwa gutaramura ibiganza vyabo mu gusenga badashavuye kandi batagira amahane (umurongo 8) ? Mbega ni abagore bafise abagabo basabwa kudashaza birenze urugero, bakarangwa n’ibikorwa vyiza, no guhimbaza Imana (imirogo ya 9–10) ? Si vyo namba. Imirongo ya 8–10 ivuga ku bagabo n’abagore bose, ntivuga ku bagabo bafise abagore n’abagore bafise abagabo gusa. Muri iki gisomwa nta na kimwe cerekana ko ibivugwamwo biraba abagabo n’abagore bubatse gusa mu mirongo 11–14.

Ikindi kintu kivugwa n’abatemera insobanuro twatanze ni uko hariho abakenyezi babaye abarongoye abandi muri Bibiliya, nka Miriyamu, Debora, canke Hulida mw’Isezerano rya Kera. Ni ivy’ukuri Imana yaratoranije abo bakenyezi kugira ngo bakore ibikorwa kanaka bisanzwe yabatoranirije kandi ko batubereye icitegererezo c’ukwizera, ugushira amanga, no kuba abarongozi beza. Yamara, ububasha bw’abo bakenyezi mw’Isezerano rya Kera ntibuhagije kugira ngo vyemerwe ko abakenyezi baba abapasitori mw’ishengero. Ivyete vyo mw’Isezerano Risha biratwereka urutonde rusha mu bantu b’Imana—Ishengero, ari ryo mubiri wa Kristo—kandi urwo rutonde rufise inzego zihariijwe n’ishengero gusa, ariko zitagenewe ihanga rya Isirayeli canke uwundi mugwi w’abantu bo mw’Isezerano rya Kera.

Ibindi vyemezo bitangw ni ivyerekeye Purisikila na Foyibe mw’Isezerano Risha. Mu Vyakozwe n’Intumwa 18, Purisikila na Akwila bafatwa nk’abakozi ba Kristo b’abizigirwa. Izina rya Purisikila ni ryo ritangura kuvugwa, bakavuga ko kumbure ari we yari imbere mu gukorera Imana kurusha umugabo wiwe. Mbega Purisikila na Akwila boba barigisha Apolo ubutumwa bwa Yesu Kristo ? Inyishu ni ego, kuko bamujanye mu nzu yabo “barushiriza kumutahuza inzira y’Imana” (Ivyakozwe n’Intumwa 18:26). Mbega Bibiliya yoba ivuga ko Purisikila yabaye umupasitori w ‘ishengero canke ko yigishije ikoraniro ry’abantu canke ko yabaye umurongozi w’ikoraniro ry’abera ? Inyishu ni Oya. Mu vyo tuzi, Purisikila ntiyigeze agira uruhara mu gikorwa c’uburongozi mw’ishengero mu buryo buhushanye na 1 Timoteyo 2:11–14.

Mu Baroma 16:1, Foyibe yitwa “umukozi w’ishengero” kandi Paulo aramushima cane. Ariko co kimwe na Purisikila, nta na kimwe mw’Ijambo ry’Imana kitwereka ko Foyibe yabaye umupasitori canke umwigisha w’abagabo mw’ishengero. “Kuba uwushoboye kwigisha” vyasabwa abashingantahe b’ishengero, ntivyasabwa abakozi b’ishengero ari bo badiyakoni (1 Timoteyo 3:1–13; Tito 1:6–9).

Urutonde rw’amajambo ruri muri 1 Timoteyo 2:11–14 rurekana neza igituma abakenyezi badashobora kuba abapasitori. Umurongo 13 utangurwa n’ijambo “kuko,” ritanga “imvo” ituma Paulo avuga ibiri mu mirongo ya 11–12. Ni kubera iki abakenyezi badashobora kwigisha canke kuganza abagabo ? Ni kubera yuko “Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva. Kandi Adamu si we yahezwe, arik’umugore ni we yahenzwe” (imirongo 13–14). Imana yabanje kurema Adamu hanyuma irema Eva kugira ngo abere Adamu “umufasha.” Urutonde rw’ibiremwa rurakurikizwa kw’isi yose mu miryango (Abanyefeso 5:22–33) no mw’ishengero.

Uguhendwa kwa Eva kuratangwa kandi muri 1 Timoteyo 2:14 nk’imvo ituma abakenyezi badashobora kuba abapasitori canke ngo bagire ubushobozi bwo gutegeka abagabo. Ivyo ntibisobanura ko abagore batagira ubwenge canke ngo babe aboroshe guhendwa kurusha abagabo. Mbega iyaba abagore ari bo boroshe guhendwa, ni kuki bokwemererwa kwigisha abana (ari bo boroshe guhendwa) n’abandi bakenyezi (bivugwa ko bahendwa mu buryo butagoye) ? Ico gisomwa kivuga ko abagore badakwiye kwigisha abagabo canke ngo babaganze kuko Eva ari we yahenzwe. Imana yahisemwo guha abagabo ububasha bwo kwigisha mw’ishengero.

Abakenyezi benshi barafise ingabire zidasanzwe zo kwakira abashitsi, kugira imbabazi, kwigisha, kuzana abantu kuri Yesu, no gufasha. Ibikorwa vyinshi vyo mw’ishengero vyenena ku bakenyezi. Abagore ntibabuzwa gusenga canke kuvugishwa n’Imana mu makoraniro ya bose (1 Ab’i Korinto 11:5), ahubwo ntibemererwa kugira ububasha bwo kwigisha abagabo. Bibiliya nta na hamwe ibuza abakenyezi gukoresha ingabire za Mpwemu Yera (1 Ab’i Korinto 12). Abakenyezi, co kimwe n’abagabo, bahamagarirwa gukorera abandi no kugaragaza ivyamwa vya Mpwemu (Ab’i Galatiya 5:22–23), no kwamamaza ubutumwa bwiza ku bazimiye (Matayo 28:18–20; Ivyakozwe n’Intumwa 1:8; 1 Petero 3:15).

Imana yageze ko ari abagabo gusa bakwiye gukora igikorwa co kwigisha ishengero. Ivyo si ukubera yuko abagabo ari bo bigisha beza canke ko abagore bari musi y’abagabo canke ko badafise ubwenge bwinshi nk’abagabo (ivyo si vyo namba). Yamara uko ni kwo Imana yagenye ko ibintu bitunganywa mw’ishengero. Abagabo bategerezwa kuba icitegererezo mu kuba abarongozi beza bo mu buryo bw’impwemu—mu kubaho kwabo no mu majambo yabo. Abakenyezi ntibakwiye gufata ibibanza vy’imbere mu vyo kurongora no gutegeka. Bibiliya itera integee abakenyezi kwigisha abandi bakenyezi (Tito 2:3–5). Bibiliya ntibuza abakenyezi kwigisha abana. Igikorwa abakenyezi batemerewe ni ukwigisha canke kuganza abagabo. Ivyo rero bituma abagore badashobora kuba abapasitori ngo barongore abagabo. Ivyo ntibishira abakenyezi mu kibanza co hasi, ahubwo bituma bakorera Imana bisunze umugambi w’Imana n’ingabire yabahaye.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Abapasitori/canke abavugabutumwa b’abakenyezi ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abakenyzi mu bikorwa vy’Imana ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries