settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abagabo barongora abandi bagabo ? Mbega ni icaha ?

Inyishu


Bibiliya iratubwira incuro nyinshi ko abagabo barongora abandi bagabo ari icaha (Itanguriro 19:1-13; Abalewi 18:22; Abaroma 1:26-27; 1 Ab’i Korinto 6:9). Abaroma 1:26-27 higisha mu buryo butumoye ko abagabo barongora abandi bagabo ari ingaruka yo kwanka Imana no kugarariza Imana. Igihe abantu babandanya gucumura no kutizera Imana, haragera igihe Imana “ibaheba” kugira ngo bamogorere mu vyaha maze ivyo bibahe kubona ko kubaho bari kure y’Imana ari ubupfu kandi ari ubuzima butagira ivyizigiro. 1 Ab’i Korinto 6:9 haratubwira ko abagabo “bakora icaha” co barongora abandi bagabo batazoragwa ubwami bw’Imana.

Imana ntiyaremye umuntu afise ivyifuzo vyo kubenguka uwo basangiye igitsina. Bibiliya itubwira ko abantu bamera gurtyo kubera icaha (Abaroma 1:24-27) kandi kubera uguhitamwo kwabo. Ni vyo umuntu arashobora kuvuka asa n ‘uwufise ivyifuzo vyo kubenguka abo basangiye igitsina’, nk’uko hari abana bavukana agatima k’ubugizi bwa nabi n’ibindi vyaha. Yamara ivyo ntivyoba ivyitwazo vyo guhitamwo gukora ivyaha bivuye ku vyifuzo vy’ivyaha. Nimba umuntu yavukanye agatima k’ishavu rirenze/n’uburake, none ivyo yovyitwaza mu gushira mu ngiro ibikorwa vyiwe ? Oya namba! Ivyo ni co kimwe n’ivyerekeye abagabo barongora abandi bagabo.

Yamara kandi, Bibiliya ntivuga ko ico caha ari co caha “c’ishano” kurusha ibindi vyaha. Ivyaha vyose birababaza Imana. Icaha c’abagabo barongora abandi bagabo ni kimwe mu vyaha vyinshi dusanga mu 1 Ab’i Korinto 6:9-10 bibuza abantu kwinjira mu bwami bw’Imana. Bibiliya itwigisha ko umugabo arongora abandi bagabo ashobora kuronka imbabazi z’Imana co kimwe n’uwundi musambanyi, uwusenga ibigirwamana, abicanyi, abasuma, n’abandi. Imana yarasezeranye kandi gutanga intsinzi ku caha, harimwo n’icaha c’abagabo barongora abandi bagabo, kuri abo bose bizera Yesu Kristo ko ari we mukiza (1 Ab’i Korinto 6:11; 2 Ab’i Korinto 5:17; Ab’i Filipi 4:13).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abagabo barongora abandi bagabo ? Mbega ni icaha ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries