settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Yesu ni we nzira yonyene idushikana mw’ijuru ?

Inyishu


Ego ni vyo, Yesu ni we nzira yonyene idushikana mw’ijuru. Iryo jambo rirashobora kutaryohera abantu bo mu gihe ca none, ariko ni kwo kuri. Bibiliya yigisha ko ata yindi nzira y’agakiza atari iya Yesu. Yesu abwiwe avuga muri Yohana 14:6 ati: “Ni jewe nzira n’ukuri, n’ubugingo. Nta wushika kwa Data ntamujanye.” Yesu si imwe mu nzira nk’uko hoba hari inzira nyinshi; Ni we wenyene ari inzira, kuko ata yindi iriho. Nta wundi muntu, naho yoba rurangiranwa, yoba uwufise vyinshi, canke yoba uwiyumvira ko ari uwera, adakeneye guca kuri Yesu mu gushikira Data wo mw’ijuru.

Yesu wenyene ni we nzira ishikana mu nzira kubw’imvo zitandukanye. Yesu “yatoranijwe n’Imana” kuba Umukiza (1 Petero 2:4). Yesu ni we wenyene yavuye mw’ijuru maze akongera agasubirayo (Yohana 3:13). Ni we muntu wenyene yashoboye kubaho ubuzima butunganye (Abaheburayo 4:15). Ni we wenyene yabaye ikimazi c’ivyaha (1 Yohana 2:2; Abaheburayo 10:26). Ni we wenyene yashikije ivyagezwe n’vy’abavugishwa n’Imana (Matayo 5:17). Ni we muntu wenyene yanesheje urupfu ibihe bidashira (Abaheburayo 2:14–15). Ni we muhuza wenye w’Imana n’umuntu (1 Timoteyo 2:5). Ni we muntu wenyene “yashizwe hejuru” n’Imana . . . imuha izina rirengeye ayandi yose” (Ab’i Filipi 2:9).

Yesu yaravuze ko ari we wenyene nzira ishika mw’ijuru incuro zitari nke uretse muri Yohana Yohana 14:6. Yivuga ko ari we abantu bakwiye kwizera (Matayo7:21–27). Yavuze ko amajambo yiwe ari ubugingo (Yohana 6:63). Yasezeranye ko abazomwizera bazoronka ubugingo budashira (Yohana 3:14–15). Ni we rembo ry’intama (Yohana 10:7); ni we mutsima (Yohana 6:35); kandi ni we kuzuka (Yohana 11:25). Nta wundi muntu afise uburenganzira bwo kwiyita ayo mazina.

Inyisho z’intumwa zashimikira ahanini ku rupfu n’ukuzuka kw’Umwami Yesu. Igihe Petero yari ahageze imbere y’abanyekombe, yaravuze atarya umunwa ko Yesu ari we nzira yonyene ishikana abantu mw’ijuru: “Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw’ata rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo” (Ivyakozwe n’Intumwa 4:12). Igihe naho Paulo yari mw’isinagogi muri Antiyokiya, yaravuze atomoye ko Yesu ari we Mukiza: “Ni mumenye ko mur’uwo ari ho mubgirirwa ivy’uguharirwa ivyaha: kandi ni we atsindanishiriza umwizera wese” (Ivyakozwe n’Intumwa 13:38–39). Yohana na we igihe yandikira ishengero arerekana ko izina rya Kristo ari ryo rufatiro rw’uguharirwa: “Ndabandikiye bana bato, kukw’ivyaha vyanyu mwabihariwe kubg’izina ryiwe” (1 Yohana 2:12). Nta wundi muntu ashobora guharira ivyaha atari Yesu.

Ni muri Yesu turonkera ubugingo budashira bwo mw’ijuru. Yesu yarasenze ati: “Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Dutegerezwa guhanga amaso Yesu wenyene kugira ngo turonke ingabire y’Imana y’agakiza itangwa ku buntu. Dutegerezwa kwizera urupfu rwa Yesu ku musaraba nk’indishi y’icaha no kwizera ukuzuka kwiwe. “N’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo kugira ngw’abizeye bose baguhabge” (Abaroma 3:22).

Igihe kimwe abantu bari batanguye gutera ibitugu Yesu, bizera ko bazoronka uwundi mukiza. Yesu yabajije abigishwa biwe cumi na babiri ati: “Mbega namwe muragomba kwigira ?” (Yohana 6:67). Inyishu Petero yamuhaye yabaye iy’ukuri kandi itomoye: “Tuje kwa nde ga Mugenzi ? Kw’ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira, natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’Uwera w’Imana” (Yohana 6:68–69). Natwe tugiye kugira ukwizera nk’ukwa Petero ko ubugingo budashira ata handi buri kiretse muri Kristo Yesu.

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Yesu ni we nzira yonyene idushikana mw’ijuru ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries