settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Yesu yari hehe mu misi itatu yaciyemwo hagati y’ugupfa n’ukuzuka kwiwe ?

Inyishu


Muri 1 Petero 3:18–19 havuga ngo, “Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw’adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu: ni bgo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw’ibohero ijambo ry’Imana.” Ijambo impwemu rivuga ku mpwemu ya Kristo. Itandukaniro riri hagati y’umubiri wa wiwe n’impwemu yiwe, ntiriri hagati y’umubiri wa Kristo na Mpwemu Yera. Umubiri wa Kristo warapfuye, ariko impwemu yiwe yagumye ari nzima.

Muri 1 Petero 3:18–22 turabona isano rikenewe riri hagati y’imibabaro ya Kristo (umurongo wa 18) hamwe n’uguhabwa icubahiro kwiwe (umurongo wa 22). Ni Petero wenyene atanga amakuru y’ivyabaye hagati y’ivyo bintu bibiri. Yesu yabwiye “ijambo ry’Imana” impwemu zari mw’ibohero (umurongo 19). Yamara, ijambo ry’Ikigiriki rikoreshwa muri uyo murongo ntirivuga ijambo ry’Imana. Hari ijambo risobanura “gutangaza ubutumwa.” Yesu yarababajwe, apfira ku musaraba, umubiri wiwe urapfa. Ariko impwemu yiwe yagizwe nzima, maze ayishira mu biganza vya Se (Luka 23:46). Nk’uko Petero abivuga, hagati y’urupfu rwa Yesu n’ukuzuka kwiwe, Yesu yaravuganye “n’impwemu zari mw’ibohero.”

Mw’isezerano Risha, ijambo impwemu rikoreshwa mu kuvuga ku badayimoni canke abamarayika, ntirikoreshwa ku bantu. Muri 1 Petero 3:20, mu kuvuga abantu Petero akoresha ijambo “impwemu”. Kandi nta handi tubona mw’Isezerano Risha ko Yesu yagiye mu muriro udahera. Ivyakozwe n’Intumwa 2:31 havuga ko yagiye mu kuzimu (Hades). Ariko mu kuzimu si ho mu muriro. I kuzimu ni ijambo rikoreshwa ahanini mu kuvuga ikibanza abapfuye bajamwo, aho barindirira vy’imfatakibanza ukuzuka. Mu Vyahishuriwe Yohana 20:11–15 harerekana itandukaniro riri hagati ya kuzimu n’ikiyaga caka umuriro. Ikiyaga caka umuriro ni ahantu abazimiye bazoba ubutakivayo bamaze gucibwa urubanza. I kuzimu (Hades) ni ahantu h’imfatakibanza abera co kimwe n’abazimiye bo mw’Isezerano rya Kera barindirira.

Umwami wacu yashize mu maboko ya Se impwemu yiwe, arapfa mu buryo bw’umubiri, maze yinjira mw’iparadiso (Luka 23:43). Mu gihe kanaka hagati y’urupfu n’ukuzuka kwiwe, Yesu yaragendeye ikibanza aho yatangirije ubutumwa impwemu kanaka (birashoboka ko izo mpwemu bari abamarayika bakorowe; raba Yuda 1:6); izo mpwemu zishobora kuba zifitaniye isano n’igihe c’imbere y’umwuzure kuri Nowa (1 Petero 3:20). Petero ntatubwira ico Yesu yamenyesheje izo mpwemu ziboshwe, ariko uko biri kwose ntibwari ubutumwa bwo gucungurwa kuko abamarayika badashobora gukizwa (Abaheburayo 2:16). Kumbure kwari ugutangaza intsinzi kuri Satani n’ingabo ziwe (1 Petero 3:22; Ab’i Kolosayi 2:15). Abanyefeso 4:8–10 naho hasa n’ahatanga iciyumviro c’ibikorwa Yesu yakoze mu kiringo kiri hagati y’urupfu rwiwe n’ukuzuka. Muri uwo murongo Paulo akoresha amajambo ari muri Zaburi 68:18, maze avuga kuri kristo muri aya majambo: “Yaraduze aja iyo hejuru, ajanye iminyago” (Abanyefeso 4:8). Uyo murongo usa n’uwuvuga ko igihe Yesu yari muri Paradiso yegeranije abacunguwe bose bariyo maze abajana aho bazoba mw’ijuru ibihe bidashira.

Ibi vyose bishatse kuvuga ko Bibiliya idatomora neza ivyo Kristo yakoze mu misi itatu iri hagati y’urupfu rwiwe n’ukuzuka kwiwe. Ico twovuga ni uko yaremesheje abera bamaze gutaha maze abajana aho bazoba ibihe bidashira, maze amenyesha abamarayika bakorowe bari mw’ibohero ko yabatsinze. Ico tuzi tudakekeranya ni uko muri ico gihe Yesu atariko aratanga ubundi buryo bwo kuronka agakiza; inyuma y’urupfu tuba twiteze gucirwa urubanza (Abaheburayo 9:27), nta kindi tuba twiteze. Kandi Yesu ntiyariko arababarizwa mu muriro; igikorwa ciwe co gucungura carangiriye ku musaraba (Yohana 19:30).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Yesu yari hehe mu misi itatu yaciyemwo hagati y’ugupfa n’ukuzuka kwiwe ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries