settings icon
share icon
Ikibazo

Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Ni gute novuka ubwa kabiri ?

Inyishu


Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Igisomwa co muri Bibiliya abenshi bakoresha mu kwishura ico kibazo kiri muri Yohana 3:1-21. Muri ico gisomwa, Umwami Yesu Kristo yariko aravugana na Nikodemo, umwe mu Bafarisayo bakuru akaba n’umwe mu bari bagize ikombe ry’Abayuda (Urwego rukuru rwari rurongoye idini ry’Abayuda). Nikodemo yari yaje kuri Yesu mw’ijoro kugira ngo amubaze ibibazo.

Igihe Yesu yariko arayaga na Nikodemo, yaravuze ati: “N’ukuri n’ukuri ndakubgire: Iy’umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana. Nikodemo aramubaza, at’Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje ? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka ? Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana. Ikivyawe n’umubiri na co n’umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co n’impwemu” (Yohana 3:3-7).

Amajambo “ukuvuka ubwa kabiri” asobanura “kuvuka kuvuye mw’ijuru.” Hariho ikintu Nikodemo yari akeneye. Yari akeneye ihinduka ryo mu mutima wiwe—ihinduka ryo mu buryo bw’impwemu. Ukuvuka gusha, ukuvuka ubwa kabiri, ni igikorwa Imana ubwayo yikorera maze igaha ubugingo budashira uwo wese yizeye (2 Ab’i Korinto 5:17; Tito 3:5; 1 Petero 1:3; 1 Yohana 2:29; 3:9; 4:7; 5:1-4, 18). Muri Yohana 1:12, 13 harerekana ko mu “kuvuka ubwa kabiri” harimwo iciyumviro co “gucika abana b’Imana” biciye mu kwizera izina rya Yesu Kristo.

Ikibazo kica kiza ni iki: “Ni kuki none ari ngombwa ko umuntu avuka ubugira kabiri ?” Intumwa Paulo, mu Banyefeso 2:1 avuga ati: “Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu.” Abaroma na bo yabandikiye ati: “Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23). Abanyavyaha “barapfuye” mu buryo bw’impwemu; iyo bakiriye ubugingo bwo mu buryo bw’impwemu biciye mu kwizera Kristo, Bibiliya ibigereranya no kwongera kuvuka. Ni abantu bahariwe ivyaha vyabo gusa bashobora kugirirana n’Imana imigenderanire.

None ivyo bigenda gute ? Mu Banyefeso 2:8-9 havuga hati: “Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirira.” Iyo umuntu akijijwe, aba avutse ubwa kabiri, agahindurwa mu buryo bw’impwemu, hanyuma agaca aba umwana w’Imana biciye mu kuvuka ubugira kabiri. Kwizera Yesu Kristo, ari we yarishe igigiciro c’ivyaha igihe yapfa ku musaraba, ni bwo buryo bwo kuvuka “ubwa kabiri.” “Nuko rer’umuntu wese iy’ari muri Kristo, aba ar’icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha!” (2 Ab’i Korinto 5:17).

Ni waba utarizera Umwami Yesu Kristo nk’Umukiza wawe, ukwiye kwumvira akajwi ka Mpwemu Yera kakwongorera mu mutima wawe. Ukwiye kuvuka ubwa kabiri. Mbega woshobora gusenga isengesho ryo kwihana maze ukaba icaremwe gisha muri Kristo uyu musi ? “Arikw’abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe, ni bo batavyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’umubiri, canke n’ukwifuza kw’umugabo, ariko bavyawe n’Imana” (Yohana 1:12-13).

Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nk’Umukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: “Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubw’ukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje n’imbabazi zawe n’ingabire y’ubugingo budashira! Amen!"

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Ni gute novuka ubwa kabiri ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries