settings icon
share icon
Ikibazo

Muka Kayini yari nde ? Mbega umugore wa Kayini yari mushiki we ?

Inyishu


Bibiliya ntitomora neza muka Kayini uwo ari we. Inyishu yonyene dushobora kuronka ni ukuvuga ko umugore wa Kayini yari mushiki we canke umwishwa wiwe canke umwana w’umwishwa wiwe n’ibindi bisa nk’ivyo. Bibiliya ntitomora imyaka Kayini yari afise igihe yica Abeli (Itanguriro 4:8). Kubera yuko bose bari batunzwe n'ukurima n’ukworora, birashoboka ko ico gihe bose bari abagabo bakuze, kumbure ko umwe wese yari amaze gushinga urugo. Biragaragara ko Adamu na Eva bari bamaze kuvyara abandi bana atari Kayini na Abeli gusa igihe Abeli yicwa. Mu nyuma baravyaye abandi bana batari bake (Itanguriro 5:4). Kuba rero Kayini yaragize ubwoba ko na we ashobora kwicwa igihe yari amaze kwica Kayini vyerekana ko hariho abandi bana benshi kumbure n’abuzukuru batari bake ba Adamu na Eva ico gihe (Itanguriro 4:14). Muka Kayini (Itanguriro 4:17) rero yari umukobwa canke umwe mu buzukuru ba Adamu na Eva.

Kubera yuko Adamu na Eva ari bo bantu ba mbere kandi bonyene batanguye kubaho, abana babo bategerezwa kurongorana hagati yabo. Mu nyuma abantu bamaze kuba benshi kw’isi bigatuma bashobora kwitoraniriza abo bubakana batavuye mu muryango umwe, ni ho Imana Imana yaciye ibuza abantu kurongorana hagati yabo mu muryango umwe (Abalewi 18:6-18). Igituma uno musi iyo abantu bava ku muvyeyi umwe barongoranye akenshi bavyara abana badakomeye ni uko igihe abantu basangiye amaraso (umuhungu na mushikiwe) bavyaranye, haba hariho akaga k’uko uturemangingo tw’intege nke turi mu maraso yabo ari two twiganza kurusha udukomeye. Ariko igihe abantu bava mu miryango itandukanye bavyaranye, akenshi abo bavyeyi bompi ntibaba bafise mu maraso yabo uturemangingo tw’intege nke tumwe. Urutonde rw’uturemangingo tw’umuntu rwagiye “rurandura” uko imyaka yagiye irarengana kuko ubumuga bufatiye kuri rwo bwagiye buriyongera, buba bunini, kandi buhabwa abantu b’urunganwe inyuma y’urundi. Kubera ko Adamu na Eva batari bafise ubwo bumuga, ivyo vyatumye bo n’urunganwe rwa mbere n’abarukomotseko baba abantu bari bafise amagara meza kurusha twebwe turiho uyu musi. Abana ba Adamu na Eva bari bafise ingorane nke cane zerekeye urutonde rw’uturemangingo mu maraso yabo. Kuri bo rero, kuvyarana hagati yabo nta ngorane vyashobora kubatera.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Muka Kayini yari nde ? Mbega umugore wa Kayini yari mushiki we ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries