settings icon
share icon
Ikibazo

Umubatizo rukristo ufise akahe kamaro ?

Inyishu


Umubatizo rukristo ni kimwe mu bintu bibiri Yesu yategetse ishengero gukora. Imbere y’uko aduga mw’ijuru, Yesu yavuze ati, “Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi” (Matayo 28:19–20). Ayo mabwiriza aratomora neza ko ishengero rifise igikorwa co kwigisha Ijambo rya Yesu, guhindura abantu abigishwa, no kubatiza abo bigishwa. Ivyo bitegerezwa gukorerwa hose (“amahanga yose”) gushika “ku muhero w’isi.” Kubw’ivyo umubatizo urafise akamaro kuko Yesu yategetse ko ukorwa.

N’imbere y’uko ishengero ritangura, umubatizo wariho. Mu gihe ca kera, Abayuda barabatiza abantu bashasha binjiye mw’idini ryabo kugira ngo berekane ko akamere kabo “kartyorowe.” Yohana Umubitizi yakoresheje umubatizo mu kwerekana inzira y’Umwami Imana, nuko asaba abantu bose, atari abanyamahanga gusa, kubatizwa kuko bose bakwiye kwihana. Yamara umubatizo wa Yohana usigura ukwihana uratandukanye n’umubatizo w’Abakristo, nk’uko tubibona mu Vyakozwe n’Intumwa 18:24–26 and 19:1–7. Umubatizo w’Abakristo ufise insobanuro ihambaye kurusha uwa Yohana.

Umubatizo ugirwa mw’izina rya Data, Umwana, na Mpwemu Yera – ico nico kiwugira umubatizo “w’Abakristo.” Umuntu yemerwa kuba umwe mu bagize ishengero biciye muri iryo tegeko rya Yesu Kristo. Igihe dukijijwe, tuba “tubatijwe” na Mpwemu tukaba umwe mu bagize Umubiri wa Kristo, ari ryo shengero. 1 Ab’i Korinto 12:13 havuga ngo: “Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’Abagiriki, naho boba abagurano cank’abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.” Umubatizo w’amazi ni “isubaramwo” ry’umubatizo wa Mpwemu.

Umubatizo w’Abakristo ni bwo buryo umuntu yaturamwo ukwizera kwiwe no kuba umwigishwa wa Yesu. Igihe umuntu ari mu mazi agira abatizwe, aravugira ku mutima ati, “Ndatuye ko nizera Kristo; Yesu yarogeje umutima wanje awukuramwo ivyaha, ubu rero mfise ubugingo busha bwejejwe.”

Umubatizo w’Abakristo urerekana mu buryo bugaragara urupfu, uguhambwa n’ukuzuka kwa Kristo. Urongera ukerekana muri uwo mwanya nyene ugupfa kwacu ku caha n’ubugingo busha muri Kristo. Igihe umunyavyaha yatura Yesu nk’Umwami, aba apfuye ku caha (Abaroma 6:11) akazukira ubundi buzima bushasha (Ab’i Kolosayi 2:12). Ukwibizwa mu mazi bisobanura ugupfa ku caha, ukuva mu mazi na kwo gusobanura ubugingo bwejejwe bukurikira agakiza. Abaroma 6:4 habisobanura muri aya majambo: “None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.”

Mu majambo make, umubatizo ni ikimenyetso c’inyuma kiranga ihinduka ryabaye imbere mu bugingo. Umubatizo w’Abakristo ni igikorwa co kwumvira Umwami Yesu inyuma y’agakiza; naho umubatizo wegeranye cane n’agakiza mu nsobanuro, umubatizo si wo uzanira umuntu agakiza. Mu bice vyinshi Bibiliya iratwereka urutonde rw’ingene ibintu bikurikirana ari uko 1) umuntu yizera Umwami Yesu hanyuma 2) akabatizwa. Urwo rutonde ruraboneka mu Vyakozwe n’Intumwa 2:41, “Nukw’abemeye amajambo yiwe [ya Petero] bose barabatizwa” (raba kandi Ivyakozwe n’Intumwa 16:14–15).

Umuntu musha acizera Yesu Kristo akwiye kwifuza kubatizwa vuba hashoboka. Mu Vyakozwe n’Intumwa 8 havuga “ubutumwa bgiza bga Yesu” Filipo yabwiye inkone y’Umunyetiyopiya maze “Bakigenda mu nzira, bashika ah’ar’amazi, iyo nkone iramubaza it’Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki ?” (imirongo ya 35–36). Ako kanya baciye bahagarika umukogote, maze Filipo aca abatiza uwo mugabo.

Umubatizo usobanura ukwifatanya n’urupfu rwa Kristo, uguhambwa kwiwe, n’ukuzuka kwiwe. Aho hose ubutumwa bwiza buvugwa maze abantu bakaza kuri Kristo, bakwiye kuca babatizwa.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Umubatizo rukristo ufise akahe kamaro ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries