settings icon
share icon
Ikibazo

Ukwikinisha ibihimba vy’irondoka – Mbega ni icaha dukurikije ico Bibiliya ?

Inyishu


Nta na hamwe Bibiliya ivuga itomoye ko ukwikinisha ibihimba vy’irondoka ari icaha canke ko atari icaha. Igisomwa abantu benshi bakunda gukoresha igihe bavuga ivyo kwikinisha ibihimba vy’irondoka ni inkuru ya Onani tubona mw’Itanguriro 38:9-10. Bamwe basobanura iki gisomwa kivuga ko “gusesa imbuto hasi” ari icaha. Yamara, ico gisomwa ntikivuga ivyo. Imana yaciriyeko iteka Onani atari kubera “gusesa imbuto hasi” ariko ni kubera yanse gukora igikorwa ciwe co guha samuragwa mwene nyina. Iki gisomwa ntikivuga ivyo kwikinisha ibihimba vy’irondoka, ahubwo kivuga ivyo gushitsa ivya nkenerwa mu muryango. Ikindi gisomwa bakoresha mu kwerekana ko ukwikinisha ibihimba vy’irondoka ari icaha ni ikiri muri Matayo 5:27-30. Muri ico gisomwa Yesu yariko aburira abantu kutagira ivyiyumviro vy’ukwifuza nuko ababwira ati: “Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure.” Naho iyo mirongo ishobora kubonekamwo bimwe bimwe vyerekeye ukwikinisha ibihimba vy’irondoka, Yesu ntiyariko aravuga ukwikinisha ibihimba vy’irondoka.

Naho Bibiliya idatomora ku vyerekeye ukwikinisha ibihimba vy’irondoka ko ari icaha, nta wokekeranya ko ivyaha ari vyo bituma umuntu yikinisha ibihimba vy’irondoka. Ukwikinisha ibihimba vy’irondoka akenshi biva mu vyiyumviro vyo kwifuza, ivyiyumviro vyo guhuza ibitsina, canke amashusho y’ibiterasoni. Izo ni zo ngorane zikwiye gutorerwa umuti. Iyo umuntu ashoboye guheba no gutsinda icaha c’ukwifuza, ivyiyumviro bipfuye, amashusho y’ibiterasoni, ukwikinisha ibihimba vy’irondoka ntibiba bikimugoye. Abantu benshi bafise isoni mu mitima yabo kubera ivyo kwikinisha ibihimba vy’irondoka, ariko yamara ingorane nyamukuru iba ihagaze kuri ivyo bintu biba vyashikanye umuntu kuri iyo ntambuko.

Hariho ibintu ngenderwako Bibiliya ivuga ku vyerekeye ukwikinisha ibihimba vy’irondoka. Mu Banyefeso 5:3 havuga hati: “Arik’ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa.” N’ukwikinisha ibihimba vy’irondoka bija muri urwo rutonde. Bibiliya iratwigisha iti: “Nukw’iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana” (1 Ab’i Korinto 10:31). Iyo udashoboye guha Imana icubahiro mu kintu kanaka ukora, ntukwiye gukora ico kintu. Igihe umuntu azi neza ko ikintu ariko arakora kidahimbara Imana, ico kintu kiba ari icaha: “Ikitava ku kwizera co se n’icaha” (Abaroma 14:23). Ikindi dukwiye kumenya ni uko imibiri yacu yacunguwe kandi yegukira Imana. “Ntimuzi yukw’imibiri yanyu ar’insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana ? Kandi simwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu” (1 Ab’i Korinto 6:19-20). Ukwo kuri guhambaye gukwiye kugenga ivyo dukoresha imibiri yacu. Dufatiye kuri ivyo bintu ngenderwako, kuvuga ko ukwikinisha ibihimba vy’irondoka ari icaha ni vyo kandi bishingiye kuri Bibiliya. Biragaragara ko ukwikinisha ibihimba vy’irondoka bidahesha Imana icubahiro; ntaho bitandukaniye n’ishusho y’ingeso mbi kandi vyerekana ko Imana atari yo iganza imibiri yacu.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ukwikinisha ibihimba vy’irondoka – Mbega ni icaha dukurikije ico Bibiliya ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries