settings icon
share icon
Ikibazo

Ubukristo ni iki kandi Abakristo bizera iki ?

Inyishu


1 Ab’i Korinto 15:1-4 havuga hati: “Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgakira, kandi mukabuhagararamwo, kandi mugakizwa na bgo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabgiye, shiti mwoba mwizereye ubusa. Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw’ivyanditswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw’ivyanditswe bivuga.”

Muri make, ayo majambo ni wo mutima w’Ubukristo. Aho Ubukristo butandukaniye n’ayandi madini ni uko bwo bushingiye ku bucuti aho gushingira ku migenzo y’idini. Aho gushimikira ku rutonde rw’ivyo umuntu yemerewe gukora n’ivyo atemerewe, intumbero y’Ubukristo ni ugukomeza ukugendana n’Imana kw’umuntu. Ubwo bucuti bushoboka kubera igikorwa ca Yesu Kristo hamwe n’ica Mpwemu Yera.

Abakristo bizera ko Bibiliya ari Ijambo “ryahumekewe n’Imana” kandi ko inyigisho zayo ari zo zifise ububasha bwa nyuma mu bijanye no kwizera hamwe no mu bikorwa (2 Timoteyo 3:16; 2 Petero 1:20-21). Abakristo bizera Imana imwe iriho mu butatu – Data, Umwana (Yesu Kristo), na Mpwemu.

Abakristo bizera ko abantu baremwe kugira ngo bagirirane n’Imana imigenderanire, yamara icaha gitandukanya abantu bose n’Inama (Abaroma 3:23; 5:12). Ubukristo bwigisha ko Yesu Kristo yabaye kw’isi, ari Imana yuzuye, kandi ari umuntu yuzuye (Ab’i Filipi 2:6-11), hanyuma apfira ku musaraba. Abakristo bizera ko inyuma y’ugupfa, Kristo yahambwe, arazuka, ubu akaba ari muzima yicaye i buryo bwa Data, asabira abizera ibihe vyose (Abaheburayo 7:25). Ubukristo bwemeza ko urupfu rwa Yesu ku musaraba rwari ruhagije kugira ngo arihe umwenda w’ivyaha w’abantu bose kandi ico ni co kigarukana ubucuti buri hagati y’Imana n’umuntu bwari bwarononekaye (Abaheburayo 9:11-14; 10:10; Abaroma 5:8; 6:23).

Kugira ngo umuntu akizwe maze aronke uburenganzira bwo kwinjira mw’ijuru inyuma y’urupfu, ategerezwa kwizera igikorwa Yesu yarangije ku musaraba. Iyo twizeye ko Kristo yapfuye mu gishingo cacu maze agatanga igiciro c’ivyaha vyacu hanyuma akazuka mu bapfuye, duca dukizwa. Nta kintu na kimwe umuntu yoshobora gukora ngo kimuzanire agakiza. Ntidushobora “kuba beza bihagije” kugira ngo ivyo bitume dushobora guhimbara Imana, kuko twese turi abanyavyaha (Yesaya 53:6; 64:6-7). Ubugira kabiri, nta kindi cokwongerwako kuko Kristo yarangije ibikorwa vyose! Igihe Yesu yari ku musaraba, yaravuze ati: “Birarangiye” (Yohana 19:30).

Nk’uko ata kintu na kimwe umuntu ashobora gukora ngo kimuheshe agakiza, iyo umuntu amaze kwizera igikorwa Kristo yakoze ku musaraba, ni ko ata kindi kintu umuntu yoshobora gukora ngo gitume atakaza agakiza kiwe kuko igikorwa co gucungura cakozwe kandi kirangizwa na Kristo! Mu vyerekeye agakiza, nta gikorwa na kimwe kikerekeye gituruka ku wakira agakiza. Muri Yohana 10:27-29 havuga hati: “Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data. Jewe na Data turi umwe.

Bamwe bashobora kwiyumvira bati: “Ivyo ni vyiza – ko maze gukizwa nshobora gukora ivyo ngomba vyose kuko ntashobora gutakaza agakiza!” Yamara, ntiduhabwa agakiza kugira ngo twikorere ivyo twigombera vyose. Ahubwo agakiza karatubohora kugira ngo ntitubandanye dukorera kamere yacu ya kera y’icaha,ariko ni ukugira ngo dushobore kugirirana n’Imana imigenderanire. Twahora turi abaja b’icaha, duca duhinduka abaja ba Kristo (Abaroma 6:15-22). Igihe cose abizera bazoba bari kuri ino si bambaye imibiri yabo y’icaha, bazokwama bari mu ntambara barwana n’icaha. Yamara, Abakristo barashobora kuronka intsinzi ku caha biciye mu kwiga no mu gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana (Bibiliya) mu kubaho kwabo, no mu kuganzwa na Mpwemu Yera—ni ukuvuga kurongorwa na Mpwemu Yera buri musi, kugendera mu bushobozi bwiwe, hamwe no mu kwumvira Ijambo ry’Imana.

Rero, naho amadini menshi asaba umuntu ko akora canke areka gukora ibintu kanaka, Ubukristo bwo bwizera ko Kristo yapfiriye ku musaraba kugira ngo atange indishi y’ivyaha vyacu hanyuma arazuka. Umwenda w’ivyaha vyacu warishuwe kubw’ivyo dushobora kugirirana n’Imana ubucuti. Turashobora kuronka intsinzi kuri kamere yacu y’icaha maze tugatangura kugendana n’Imana. Ubwo ni bwo Bukristo buvugwa muri Bibiliya.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ubukristo ni iki kandi Abakristo bizera iki ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries