settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Abakristo bakwiye gukurikiza ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera ?

Inyishu


Ikintu codufasha gutahura ico kibazo ni ukumenya ko ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera vyahawe ihanga rya Isirayeli, bitahawe Abakristo. Bimwe mu vyagezwe vyari ivyo kwereka Abisirayeli ingene bakwiye kwumvira Imana no kuyihimbara (nk’akarorero Ivyagezwe Cumi). Bimwe muri ivyo vyagezwe vyari ivyo kwereka Abisirayeli ingene bakwiye guhimbaza Imana no gutanga impongano z’ivyaha (Ibimazi vyatangwa). Ibindi vyagezwe na vyo vyari bifise intumbero yo kwereka Isirayeli ko ari ihanga ritandukanye n’ayandi mahanga (ivyagezwe vyerekeye imfungurwa n’ivyambarwa). Nta cagezwe na kimwe co mw’Isezerano rya Kera kigifata Abakristo uno musi. Igihe Yesu yapfa ku musaraba, yararangije ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera (Abaroma 10:4; Ab’I Galatiya 3:23–25; Abanyefeso 2:15).

Mu gishingo c’ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera, ubu tuganzwa n’icagezwe ca Kristo (Ab’i Galatiya 6:2), ari co kivuga ngo“Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose… Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Matayo 22:37-39). Mu Kwumvira ivyo vyagezwe bibiri, tuba dushikije ivyo Kristo adusaba vyose: “Kur’ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako” (Matayo 22:40). Ariko ivyo ntibisobanura ko uyu musi ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera ata na kimwe bivuze. Ivyinshi mu vyagezwe vyo mw'Isezerano rya Kera biri mu mugwi wo “gukunda Imana” no “gukunda mugenzawe.” Ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera birashobora kutubera urumuri rw’ingene dukwiye kumenya gukunda Imana hamwe n’ivyo usabwa kugira ngo ukunde mugenzawe. Ariko kandi kugaruka ukavuga ko ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera bifata Abakristo uno musi kwoba ari ukwihenda. Ivyagezwe vyo mw’Iserano rya Kera ni umugwi ufatanye (Yakobo 2:10). Ni ukuvuga ko iyo duhisemwo kuvyubahiriza duca dutegerezwa kuvyakira vyose ata gihaze, canke ntihagire na kimwe kidufata. Nimba Kristo yarashikije bimwe muri vyo cane cane icerekeye gutanga ikimazi, ni ukuvuga ko yabishikije vyose.

“Kuk’ugukunda Imana ar’uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora” (1 Yohana 5:3). Ivyagezwe vya Mose ahanini vyari incamake y’ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera. Ivyagezewe icenda muri cumi birasubirwamwo neza mu buryo buboneka mw’Isezerano Risha (kiretse icagezwe co kwubahiriza umusi w’Isabato). Biraboneka ko ni twaba dukunda Imana, ntituzosenga imana zitari zo canke ngo twikubite imbere y’ibigirwamana. Iyo dukunda bagenzi bacu ntidushobora kubica, kubabesha, gusambana na bo, canke ngo twifuze ivyabo. Intumbero y’ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera kwari ukwemeza abantu ko batokwishoboza gukurikiza ivyagezwe maze kandi bikatwereka ko dukeneye Yesu Kristo nk’Umukiza (Abaroma 7:7-9; Ab’i Galatiya 3:24). Imana ntiyashizeho Ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera ngo bibe itegeko ku bantu bose bo mw’isi kumara ibihe vyose. Dutegerezwa gukunda Imana na bagenzi bacu. Ni twumvira ivyo vyagezwe bibiri, tuzoshobora kwumvira ivyo Imana idutegeka vyose.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Abakristo bakwiye gukurikiza ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries