settings icon
share icon
Ikibazo

Isengesho ryo kwakira Yesu ni iki ?

Inyishu


Isengesho ryo kwakira ni isengesho umuntu abwira Imana igihe amaze gutahura ko ari umunyavyaha kandi ko akeneye Umukiza. Ukuvuga iryo sengesho ubwavyo gusa nta na kimwe bishobora kukumarira. Isengesho ry’ukuri ryo kwakira Yesu ryerekana ico umuntu azi, atahura, n’ico yizera cerekeye ko ari umunyavyaha kandi ko akeneye agakiza.

Ikintu ca mbere gikwiye kuranga iryo sengesho ni ugutahura ko twese turi abanyavyaha. Mu Baroma 3:10 dusoma ngo: “Nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’umwe.” Bibiliya iratomora neza ko twese twakoze ivyaha. Turi abanyavyaha bakeneye imbabazi n’ubuntu buva ku Mana (Tito 3:5-7). Kubwo gucumura kwacu dukwiriye igihano c’ibihe bidashira (Matayo 25:46). Isengesho ryo kwakira Yesu ni isengesho ryo kwinginga Imana ngo iduhe ubuntu mu kibanza c’igihano. Ni ugusaba imbabazi mu gishingo c’uburake.

Igice kigira kabiri cy’iryo sengesho ni ukumenya ico Imana yakoze mu gutorera inyishu ukuzimira kwacu n’ivyaha vyacu. Imana yambaye umubiri maze icika umuntu muri Yesu Kristo (Yohana 1:1, 14). Yesu yaratwigishije ukuri kwerekeye Imana maze kandi abaho ubuzima bwejejwe butunganye butagira icaha (Yohana 8:46; 2 Ab’i Korinto 5:21). Yesu yaciye apfira ku musaraba mu kibanza cacu, yikorera igihano cacu (Abaroma 5:8). Yesu yarazutse mu bapfuye kugira ngo yerekane intsinzi yiwe ku caha, ku rupfu, no kuri gehinomu (Ab’i Kolosayi 2:15; 1 Ab’i Korinto 15). Ni kubw’ivyo vyose dushobora guharirwa ivyaha vyacu maze tukaronka isezerano ryo kwibera mw’ijuru ibihe bidashira – ni twizera Yesu Kristo. Ico dusabwa gukora ni ukwizera ko yapfuye mu gishingo cacu maze akazuka avuye mu bapfuye (Abaroma 10:9-10). Ni ubuntu bwonyene bushobora kudukiza, biciye mu kwizera gusa, no muri Yesu Kristo wenyene. Abanyefeso 2:8 havuga hati, “Ubuntu ni bgo bgabakijije, kubg’ukwizera, - na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, ni ingabire y’Imana.”

Isengesho ryo kwakira Yesu ni uburyo bwo kubwira Imana ko ata wundi twisunga nk’Umukiza atari Yesu Kristo. Ayo majambo ubwayo ntakora ibitangaza. Ukwizera ko Yesu yapfuye akazuka ni vyo vyonyene bidukiza. Ni waba utahura ko uri umunyavyaha kandi ukeneye agakiza kava muri Yesu Kristo, ngiri isengesho ushobora kubwira Imana: “Mana, ndazi ko ndi umunyavyaha. Ndazi ko ata kindi kinkwiriye atari ukubona ingaruka z’ivyaha vyanje. Yamara, nizeye Yesu Kristo nk’Umukiza wanje. Ndizera ko urupfu n’ukuzuka vyiwe vyanzaniye uguharirwa. Nizeye Yesu wenyene kugira ngo ambere Umwami n’Umukiza. Urakoze Mwami, ko unkijije kandi ko ungiriye imbabazi! Amen!”

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Isengesho ryo kwakira Yesu ni iki ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries