settings icon
share icon
Ikibazo

Ingingo zine z’ivy’impwemu ni izihe ?

Inyishu


Ingingo zine z’ivy’impwemu ni uburyo bwo kubwira abandi inkuru z’agakiza kabonekera mu kwizera Yesu Kristo. Ni uburyo bworoshe bwo gutunganya inkuru y’ubutumwa bwiza mu ngingo zine.

Iya mbere muri izo ngingo zine zine z’ivy’impwemu ni: “Imana iragukunda kandi igufitiye imigabo y’agatangaza.” Muri Yohana 3:16 havuga ngo: “Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’umwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw’ahabge ubugingo budashira.” Muri Yohana 10:10 haraduha impamvu yatumye Yesu aza: “Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.” Ni igiki kitubuza kwakira urukundo rw’Imana ? Ni igiki kitubuza kuronka ubugingo budashira ?

Ingingo igira kabiri mu ngingo zine z’ivy’impwemu ni: “Umuntu yarandujwe n’icaha, kubw’ivyo atandukana n’Imana. Ivyo rero bituma tudashobora kumenya umugambi w’Imana utangaje ku buzima bwacu.” Mu Baroma 3:23 haremeza iyi nkuru: “Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw’Imana.” Mu Baroma 6:23 haratwereka ingaruka z’icaha: “Ingero y’icaha ni urupfu.” Imana yaturemye kugira ngo tugiranire na yo imigenderanire myiza. Ariko umuntu yakwegeye icaha isi, bituma atandukana n’Imana. Twarononye imigenderanire Imana yagomba kugirana natwe. None inyishu ni iyihe ?

Ingingo ya gatatu mu ngingo zine z’ivy’impwemu igira iti: “Yesu Kristo ni we wenyene Imana yatanze kubw’icaha cacu. Muri Yesu Kristo turashobora guharirwa ivyaha vyacu kandi tukongera kugirirana n’Imana imigenderanire myiza.” Mu Baroma 5:8 haratubwira hati: “Arikw’Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha.” Muri 1 Ab’i Korinto 15:3-4 haratwereka ivyo dukeneye kumenya no kwizera kugira ngo dukizwe: “...yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw’ivyandtiswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw’ivyanditswe bivuga…” Yesu ubwiwe aratumenyesha ko ari we nzira yonyene y’agakiza muri Yohana 14:6: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.” Ni gute noronka iyo ngabire y’Imana itangaje ?

Ingingo igira kane mu ngingo zine z’ivy’impwemu ivuga ngo: “Dutegerezwa kwizera Yesu Kristo nk’Umukiza kugira ngo turonke ingabire y’agakiza no kumenya integuro y’Imana itangaje ku bugingo bwacu.” Yohana 1:12 harabidusobanurira: “Arikw’abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe.” Mu Vyakozwe n’Intumwa 16:31 harabitomora neza: "Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe!” Nta kindi kidukiza atari ubuntu gusa, biciye mu kwizera Yesu Kristo wenyene gusa (Abanyefeso 2:8-9).

Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nk’Umukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: “Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubw’ukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje n’imbabazi zawe n’ingabire y’ubugingo budashira! Amen!”

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ingingo zine z’ivy’impwemu ni izihe ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries