settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ugutanga ikigiracumi ku Bakriso ?

Inyishu


Abakristo benshi barafise ingorane ku vyerekeye ikigiracumi. Amashengero amwe arigisha ivyo gutanga mu buryo burenze urugero. Ku rundi ruhande naho, Abakristo benshi ntibumvira Umwami mu kumuha amashikanwa nk’uko tubibona mw’Ijambo ry’Imana. Ikigiracumi/gushikanira Imana bikwiye kubamwo umunezero n’umuhezagiro. Yamara birababaje kuko akenshi uko si ko bimeze uyu musi mw’ishengero.

Ikigiracumi cahereye mw’Isezerano rya Kera. Ikigiracumi categekwa n’Ivyagezwe maze Abisirayeli bagasabwa gutanga 10 kw’ijana vy’ivyimburwa baronse n’ibitungwa bafise bakabitanga kw’ihema ry’ibonaniro/no ku ngoro y’Imana (Abalewi 27:30; Guharura 18:26; Gusubira mu Vyagezwe 14:24; 2 Ngoma 31:5). Mu bisanzwe, ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera vyasaba ibigiracumi vy’uburyo bwinshi—kimwe c’Abalewi, kimwe cakoreshwa mu ngoro y’Imana no mu misi mikuru, kimwe c’abakene bo mu gihugu—vyose bigiye hamwe wasanga bishika kuri 23,3 kw’ijana umuntu yatanga. Bamwe biyumvira ko Ivyagezwe vyo mw’Isezerano rya Kera bwari nk’uburyo bwo gutoza ikori ryo gufasha abaherezi n’Abalewi mu gikorwa cabo co gutanga ibimazi.

Nta na hamwe Isezerano Risha ridutegeka canke risaba Abakristo ko bakurikiza iryo tegeko ry’ikigiracumi nk’uko biri mw’Isezerano rya Kera. Nta na hamwe Isezerano Risha rigena urugero rwo kw’ijana umuntu ategerezwa gushira i ruhande ngo atange mu vyo yinjije, ariko rivuga ko dukwiye gutanga “ibimuhaye uburyo, nk’ukw’atunze” (1 Ab’i Korinto 16:2). Amashengero amwe yarafashe ico giharuro ca 10 kw’ijana co mw’Isezerano rya kera maze bakigira nk’itegeko “ry’urugero rwa nyuma”Abakristo bakwiye gufatirako mu gutanga.

Isezerano Risha riratubwira akamaro n’inyungu ziva mu gutanga. Ridusaba gutanga ibingana n’ubushobozi bwacu. Hari igihe dushobora gutanga ibirenga 10 kw’ijana; hari igihe dushobora gutanga ibiri musi ya 10 kw’ijana. Vyose bituruka ku bushobozi bw’Umukristo n’ubukene buri mu mubiri wa Kristo. Umukristo wese yari akwiye gusenga cane no gusaba Imana ngo imwereke ico yokora mu bijanye no gutanga ikigiracumi/canke mu kumenya ivyo akwiye gutanga ingene bingana (Yakobo 1:5). Ikirushirije, vyaba ibigiracumi canke amashikanwa vyose bikwiye gutangwa n’umutima udafise intumbero mbi ariko bigatanganwa inyota yo guhimbaza Imana n’intumbero yo gukorera umubiri wa Kristo. “Umuntu wese atange nk’ukw’abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagoberewe, kukw’Imana ikunda utanga anezerewe” (2 Ab’i Korinto 9:7).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ugutanga ikigiracumi ku Bakriso ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries