settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwahukana n’ukurongora/ukurongorwa ubwa kabiri ?

Inyishu


Imbere ya vyose, ukwariko kwose umuntu yosobanura ivyerekeye ukwahukana, ni ngombwa kwibuka amajambo ari muri Malaki 2:16: “Kuko nanka ivyo kwahukana, ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize.” Dufatiye ku vyo Bibiliya ivuga, ukubana ni ikintu abantu biyemeza mu kubaho kwabo kwose. “Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe” (Matayo 19:6). Imana yari izi, naho biri uko, ko ugutandukana kuzobaho kuko ukubana ari ukw’abantu babiri kandi bose b’abanyavyaha. Mw’Isezerano rya Kera, yarashizeho amategeko amwe amwe yo gukingira uburenganzira bw’abahukanye, cane cane ku bagore (Gusubira mu Vyagezwe 24:1-4). Yesu yarerekanye ko ivyo vyagezwe vyatanzwe kubera ugukomantara wk’imitima y’abantu, atari kubw’ubugombe bw’Imana (Matayo 19:8).

Impari zerekeye ukumenya nimba Bibiliya yemera ukwahukana no kurongora/kurongorwa ubwa kabiri bihagaze ubwa mbere ku majambo Yesu yavuze muri Matayo 5:32 na 19:9. Amajambo avuga ngo “atamuhoye ubusambanyi” ni co kintu conyene umuntu yohagararako mu vyanditswe gishobora gutuma Imana yemera ko umuntu yahukana canke akarongora/akarongorwa n’uwundi muntu. Abasobanuzi benshi ba Bibiliya batahura ko ayo majambo avuga ku busambanyi bubaye mu gihe co kureshanya. Mu migenzo y’Abayuda, umusore n’umukobwa bafatwa nk’aho bubakanye no mu gihe co kureshanya (fiançailles). Dufatiye kuri ico ciyumviro rero, iyo habaye ubusambanyi muri ico gihe, ni yo mvo yatuma habaho ugutandukana.

Yamara, ijambo ry’Ikigiriki risobanura “ubusambanyi” ni ijambo rishobora gusobanura ubusambanyi bw’uburyo bwose. Bushobora kuba ubusambanyi hagati y’abatubakanye, ubumaraya, ukurenga ibigo, n’ibindi. Birashoboka ko Yesu yariko aravuga ko ukwahukana kwemewe igihe umwe mu bubakanye asambanye. Uguhuza ibitsina ni kimwe mu bintu bigize ukubana: “bakaba umubiri umwe” (Itanguriro 2:24; Matayo 19:5; Abanyefeso 5:31). Kubw’ivyo, ukurenga urwo rubibe biciye mu guhuza ibitsina hanze y’urugo gushobora kuba impamvu yemewe yo kwahukana. Gurtyo rero Yesu na we yaravuze ivyo kwongera kurongora/kurongorwa. Amajambo “akabira uwundi” (Matayo 19:9) arerekana ko ukwahukana no kwongera kurongora/kurongorwa vyemewe mu bihe bisa n’ibivugwa muri ayo majambo uko yosobanurwa kwose. Aha rero ni ngombwa kumenya ko uwutasambanye mu bubakanye ari we yemerewe kwubakana n’uwundi muntu. Naho bitavugwa mu gisomwa, ukwemererwa kwubakana n’uwundi muntu ni imbabazi Imana iba igiriye uwutasambanye, atari ku wasambanye. Birashoboka ko uwasambanye na we ashobora kubana n’uwundi muntu, mugabo ntitubibona muri iki gisomwa.

Abandi nabo batahura ko 1 Ab’i Korinto 7:15 ari uwundi murongo wemerera umwe mu bubatse kurongora/kurongorwa n’uwundi muntu igihe yari asanzwe abana n’umuntu atarakizwa maze uwo muntu agahitamwo gutandukana na we. Yamara, uwo murongo ntutomora ko yemerewe kubana n’uwundi muntu, ariko uvuga ko afise uburenganzira bwo kutabandanya kuguma bubakanye mu gihe uwo bubakanye adakijiwe kandi agahitamwo gutandukana na we. Abandi nabo bavuga ko gufata nabi uwo mwubakanye canke gufata nabi abana ari imwe mu mvo zumvikana zishobora gutuma habaho ukwahukana naho Bibilya itabivuga. Naho ivyo bishoboka, si vyiza kubishira kw’Ijambo ry’Imana kuko ritabivuga.

Rimwe na rimwe, naho ubusambanyi bwoba bwabaye, ntibisobanura ko abubakanye baca batandukana nk’aho ata yindi nzira iriho. Naho vyoba vyagenze gurtyo, abubakanye barashobora kwiga kubabarirana no kwongera gusanura imigenderanire yabo bafashijwe n’ubuntu bw’Imana. Imana yaraduhariye ibirengeye ivyo. Kubw’ivyo dushobora gukurikiza akarorero kayo maze tugatanga imbabazi no kucaha co kurenga ibigo (Abanyefeso 4:32). Yamara kandi, akenshi usanga uwo yakoze icaha co gusambana, bimugora kwihana, ahubwo akabandanya muri iyo nzira nyene. Ni muri ico gihe bishoboka ko ivyanditswe muri Matayo 19:9 bica bishirwa mu ngiro. Abenshi naho baca bihutira kubana n’abandi bantu inyuma yo gutandukana n’abo bahora bubakanye aho kwitonda kugira ngo barabe ko kumbure bwoba ari ubugombe bw’Imana ko bigumira uko. Hari igihe Imana ihamagarira abantu kwigumira uko bari kugira ngo bayikorera badafise ibibasamaza (1 Ab’i Korinto 7:32-35). Ukwubakana n’uwundi muntu birashoboka, ariko ntibisobanura ko ata yindi nzira iriho.

Birababaje ukubona ko ibitigiri vy’abahukana mu bakijiwe bisa n’ibigomba kungana n’ivy’abadakijijwe. Bibiliya irerekana neza ko Imana yanka ukwahukana (Malaki 2:16) kandi ko ugusubiza hamwe n’ukugirirana ikigongwe ari vyo biranga ubuzima bw’uwizera Kristo (Luka 11:4; Abanyefeso 4:32). Yamara, Imana irerekana ko ugutandukana gushobora kubaho no mu bana bayo. Umukristo yahukanye canke yubakanye n’uwundi muntu ntakwiye kwiyumvira ko Imana itamukunda co kimwe n’abandi, naho imvo yoba yarabiteye itari imwe ivugwa muri Matayo 19:9. Imana irashobora no gukoresha ukutayumvira kw’Abakristo kugira ngo ishitse intumbero zayo nziza.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwahukana n’ukurongora/ukurongorwa ubwa kabiri ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries