settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye ubutatu ?

Inyishu


Ikintu kigoye kurusha ibintu ku nyigisho rukristo y’ubutatu ni uko ata buryo na bumwe buhari bwo kuyisobanura neza. Ubutatu ni ikintu ata mwana w’umuntu n’umwe ashobora gutahura canke gusobanura. Imana irahambaye cane kurusha twebwe abantu; kubw’ivyo ntitwitege ko dushobora kuyitahura yose uko iri. Bibiliya yigisha ko Data ari Imana, Yesu ari Imana, kandi ko na Mpwemu Yera ari Imana. Bibiliya irigisha kandi ko hari Imana imwe rudende. Naho dushobora gutahura ibintu bimwe bimwe bijanye n’imigenderanire iri hagati y’abagize ubutatu, ariko muri rusange ubwenge bw’umuntu ntibushobora gutahura ivy’ubutatu. Yamara, ivyo ntibivuga yuko inyigisho y’ubutatu atari yo canke ko idashingiye kuri Bibiliya.

Ubutatu busobanura Imana imwe ibaho mu bantu batatu. Utahure neza ko ibi bitavuga na gato ko hariho Imana zitatu. Ikindi udakwiye kwibagira igihe wiga iki cigwa ni uko ijambo “Ubutatu” ata ho riboneka muri Bibiliya. Iri ni ryo jambo rikoreshwa mu gihe tugerageza gusobanura Imana imwe mu butatu—abantu batatu baba hamwe, babaho ibihe bidashira bose bagize Imana imwe. Ikindi gihambaye ni uko iciyumviro giserurwa “n’Ubutatu” kiboneka mw’Ijambo ry’Imana. Reka turabire hamwe ico Ijambo ry’Imana rivuga ku Butatu:

1) Hari Imana imwe rudende (Gusubira mu Vyagezwe 6:4; 1 Ab’i Korinto 8:4; Ab’i Galatiya 3:20; 1 Timoteyo 2:5).

2) Ubutatu bugizwe n’abantu batatu (Itanguriro 1:1, 26; 3:22; 11:7; Yesaya 6:8, 48:16, 61:1; Matayo 3:16-17, 28:19; 2 Ab’i Korinto 13:14). Mw’Itanguriro 1:1 hakoreshwa izina ry’Igiheburayo riri mu bwinshi ari ryo Elohim. Mw’Itanguriro 1:26, 3:22, 11:7na Yesaya 6:8, hakoreshwa ijambo ryo mu bwinshi “twebwe.” Amajambo Elohim na “twebwe” ari mu bwinshi, ayo majambo akaba yerekana mu rurimi rwy’Igiheburayo abantu barenga babiri. Naho ayo majambo atari uburyo bwegu bwo gusobanura Ubutatu, arerekana ubwinshi buri mu Mana. Ijambo ry’Igiheburayo Elohim riravuga ku Butatu.

Muri Yesaya 48:16 na 61:1, Umwana ni we avuga maze akavuga kuri Se no kuri Mpwemu Yera. Gereranya Yesaya 61:1 na Luka 4:14-19 kugira ngo ubone ko ari Umwana yariko aravuga ivyo. Matayo 3:16-17 harasobanura ivyabaye igihe Yesu yabatizwa. Ikiboneka muri iki gisomwa ni uko Imana Mpwemu Yera yururukiye ku Mana Umwana igihe Imana Data yatangaza ko inenezerewe Umwana. Matayo 28:19 na 2 Ab’i Korinto 13:14 haratwereka akarorero k’abantu batatu bari mu Butatu.

3) Abagize Ubutatu baratandukanywa umwe umwe mu bisomwa bitandukanye. Mw’Isezerano rya Kera, ijambo“UMWAMI” riratandukanye n’ijambo “Umwami” (Itanguriro 19:24; Hoseya 1:4). UMWAMI afise Umwana (Zaburi 2:7, 12; Imigani 30:2-4). Mpwemu aratandukanye “n’UMWAMI” (Guharura 27:18) hamwe “n’Imana” (Zaburi 51:10-12). Imana Umwana aratandukanye n’Imana Data (Zaburi 45:6-7; Abaheburayo 1:8-9). Mw’Isezerano Risha, Yesu aravugana na Se ivyerekeye ukurungika Umufasha, ari we Mpwemu Yera (Yohana 14:16-17). Ibi vyerekana ko Yesu atigeze yiyita ko ari Data canke ko ari Mpwemu Yera. Iyumvire kandi izindi ncuro Yesu yavuganye na Data. Yoba yariko arivugana ? Oya. Yariko avugana n’uwundi muntu wo mu Butatu—ari we Data.

4) Umwe wese mu bagize Ubutatu ni Imana. Data ni Imana (Yohana 6:27; Abaroma 1:7; 1 Petero 1:2). Umwana ni Imana (Yohana 1:1, 14; Abaroma 9:5; Ab’i Kolosayi 2:9; Abaheburayo 1:8; 1 Yohana 5:20). Mpwemu Yera ni Imana (Ivyakozwe n’Intumwa 5:3-4; 1 Ab’i Korinto 3:16).

5) Mu Butatu harimwo ukwumvira. Ijambo ry’Imana rirerekana ko Mpwemu Yera yumvira Data n’Umwana, hanyuma Umwana na we akumvira Data. Ubwo bucuti n’ubw’ibihe bidashira kandi ntibuhakana ubumana bw’umwe umwe wese mu bagize Ubutatu. Ivyo ni ibintu ubwenge bwacu bw’abantu bufise aho bugarukira budashobora gutahura ku Mana itagira iherezo. Ku vyerekeye Umwana raba Luka 22:42, Yohana 5:36, Yohana 20:21, na 1 Yohana 4:14. Ku vyerekeye naho Mpwemu Yera raba Yohana 14:16, 14:26, 15:26, 16:7, kandi cane cane Yohana 16:13-14.

6) Buri wese mu bagize Ubutatu afise igikorwa gitandukanye n’ic’uwundi. Data ni we yakomotsweko na: isi (1 Ab’i Korinto 8:6; Ivyahishuriwe Yohana 4:11); uguhishura kuva ku Mana (Ivyahishuriwe Yohana 1:1); agakiza (Yohana 3:16-17); n’ibikorwa Yesu yakoreye mw’isi nk’umuntu (Yohana 5:17, 14:10). Ivyo vyose bikomoka kuri Data.

Data akorera mu Mwana ibi bikorwa bikurikira: ukurema no gukomeza isi (1 Ab’i Korinto 8:6; Yohana 1:3; Ab’i Kolosayi 1:16-17); uguhishura kuva ku Mana (Yohana 1:1, 16:12-15; Matayo 11:27; Ivyahishuriwe Yohana 1:1); n’agakiza (2 Ab’i Korinto 5:19; Matayo 1:21; Yohana 4:42). Ivyo vyose Data abikorera mu Mwana, ari we abishitsa.

Data akorera muri Mpwemu Yera ibi bikorwa: ukurema no gukomeza isi (Itanguriro 1:2; Yobu 26:13; Zaburi 104:30); uguhishura kuva ku Mana (Yohana 16:12-15; Abanyefeso 3:5; 2 Petero 1:21); agakiza (Yohana 3:6; Tito 3:5; 1 Petero 1:2); hamwe n’ibikorwa vya Yesu (Yesaya 61:1; Ivyakozwe n’Intumwa 10:38). Nuko rero Data akorera ivyo bikorwa vyose mu bushobozi bwa Mpwemu Yera.

Abantu batari bake baragerageje kwiyumvira uturorero twofasha mu gusobanura Ubutatu. Ariko nta karorero na kamwe gashushanya neza Ubutatu. Nta wokoresha akarorero k’igi (canke icamwa citwa pomme) kuko igishishwa c’igi, igice cera caryo, n’igice c’umuhondo ni ibice bigize igi, ariko ubwavyo si ryo gi nk’uko igishishwa, umubiri, n’imbuto vyose vy’icamwa bita pomme ari bice bikigize, mugabo atari ico camwa ca pomme ubwaco. Data, Umwana, na Mpwemu Yera si ibice bigize Imana; umwe wese muri abo ni Imana. Akarorero k’amazi gasa ni uko karuta ubwo tumaze kuvuga ariko nako nyene ntigashobora gusobanura neza Ubutatu. Amazi, umuhisha, n’ibarafu vyose ni uburyo amazi ashobora guhindukamwo. Imana, Umwana, na Mpwemu Yera si uburyo Imana yihinduramwo, ahubwo umwe wese muri abo ni Imana. Kubw’ivyo, naho utwo turorero dutanga ishusho y’Ubutatu, iyo shusho ubwayo ntihagije. Imana itagira iherezo ntishobora gusobanurwa n’akarorero gafise iherezo.

Inyigisho yerekeye Ubutatu yamye idahurizwako muri kahise k’ishengero rukristo. Mu gihe ibintu vy’urufatiro vyerekeye Ubutatu biboneka neza mw’Ijambo ry’Imana, hariho ibindi vy’i ruhande bidasobanutse neza. Data ni Imana, Umwana ni Imana, na Mpwemu Yera ni Imana—yamara hariho Imana imwe rudende. Iyo ni yo nyigisho Bibiliya itanga ku Butatu. Ibiri i ruhande y’ivyo bitari ibintu vy’urufatiro, bishobora guharirwako. Aho kugira ngo tugerageze gusobanura rwose Ubutatu dukoresheje ubwenge bwacu bufise aho bugarukira, icotugirira akamaro kurusha ibindi ni uguhanga amaso ku kuri kuvuga ko Imana ari nkuru kandi irengeye itagira iherezo. “Yo, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishobora kubariritswa,n’inzira zayo ntizigira akehe! Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho ? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe ?” (Abaroma 11:33-34).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye ubutatu ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries