settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukunywa inzoga/umuvinyu ? Mbega iyo Umukristo anyoye inzoga/umuvinyu ni icaha ?

Inyishu


Ijambo ry’Imana riravuga ibitari bike ku vyerekeye ukunywa inzoga (Abalewi 10:9; Guharura 6:3; Gusubira mu Vyagezwe 29:6; Abacamanza 13:4, 7, 14; Imigani 20:1; 31:4; Yesaya 5:11, 22; 24:9; 28:7; 29:9; 56:12). Yamara ntibiboneka ko Ijambo ry’Imana ribuza Umukristo kunywa ibiyeri, umuvinyu, canke ikindi kinyobwa gishobora kuboreza. Mu bisanzwe, Ijambo ry’Imana hari aho rivuga neza inzoga. Mu Musiguzi 9:7 havuga ngo, “Winywere vino yawe n’umutima uhimbawe.” Muri Zaburi 104:14-15 havuga ko Imana itanga vino “inezereza imitima y’abantu.” Amosi 9:14 haravuga ko kunywa vino ivuye mu ruzabibu rwawe ari ikimenyetso c’umuhezagiro uva ku Mana. Yesaya 55:1 haradutera intege ngo, “ni mugure vino n’amata…”

Ico Imana itegeka Abakristo ku vyerekeye inzoga ni ukwirinda akaborerwe (Abanyefeso 5:18). Bibiliya irarwanya akaborerwe co kimwe n’inkurikizi zako (Imigani 23:29-35). Abakristo na bo basabwa ko badakwiye kureka imibiri yabo ngo “iganzwe” n’ikintu na kimwe (1 Ab’i Korinto 6:12; 2 Petero 2:19). Nta nkeka ukunywa inzoga birenze urugero birahindura umuntu umuja. Ijambo ry’Imana rirongera rikabuza Abakristo gukora ikintu na kimwe cotsitaza abandi Bakristo canke kikabakwegera mu gucumura kw’ijwi ryo mu mutima (1 Ab’i Korinto 8:9-13). Dufatiye kuri ivyo bintu ngenderwako, vyoba ari ikigoye cane hagize Umukristo avuga ko ahesha Imana icubahiro mu kunywa inzoga z’ikirenga (1 Ab’i Korinto 10:31).

Yesu yarahinduye amazi vino. Biranashoboka ko rimwe rimwe na Yesu ubwiwe yoba yaranyoye kuri vino (Yohana 2:1-11; Matayo 26:29). Mu gihe Isezerano Risha ryandikwa, amazi ab’ico gihe banywa ntiyari meza cane. Kubera yuko batari bafise ubuhinga dukoresha muri kino mu vyerekeye isuku, akenshi amazi yaba arimwo imigera nka za bactéries, virus, hamwe n’utundi tuntu twayanduza. Niko bikimeze mu bihugu vyinshi bitaratera imbere na n’uyu musi. Kubw’ivyo abantu bashima kwinywera vino (canke umutobe w’inzabibu) kuko wo utandura kenshi. Muri 1 Timoteyo 5:23, Paulo yasavye Timoteyo kureka kunywa amazi (kumbure ni yo yamutera ingorane yari afise mu nda) ariko anywe vino. Muri ico gihe, vino yaba ihiye (ishobora kuboreza), mugabo ntiyanganya amakari n’urugero rw’uno musi. Kuvuga ko wari umutobe w’inzabibu kwoba ari ukwihenda, co kimwe n’uwovuga ko yari kimwe na vino ikoreshwa uno musi. Ikindi ni uko Ijambo ry’Imana ritabuza Abakristo kunywa ibiyeri, umuvinyu, canke ikindi kintu gishobora kuboreza. Inzoga ubwayo ntabwo irimwo icaha. Yamara Umukristo ategerezwa kwirinda akaborerwe n’umunoho w’inzoga (Abanyefeso 5:18; 1 Ab’i Korinto 6:12).

Iyo umuntu anyoye inzoga ku rugero rutoya, ntaco vyonona kandi ntishobora kumuhindura imborerwa. Mbere abaganga bamwe bamwe baravuga ko kunywa umuvinyu muke muke ari ingirakamaro ku magara yacu, cane cane ku mutima. Ukunywa inzoga ku rugero ruto ni uguhitamwo kw’Umukristo. Ukuborerwa no kuba umuntu yaboshwe n’inzoga ni icaha. Yamara, dufatiye ku nzoga ubwayo n’ingaruka ishobora kugira, no kugushobora kugeragezwa kunywa inzoga z’umurengera, no kugushobora gutsitaza no kubabaza abandi bantu, icotugirira akamaro ni uko Umukristo areka kunywa inzoga.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukunywa inzoga/umuvinyu ? Mbega iyo Umukristo anyoye inzoga/umuvinyu ni icaha ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries