settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega ugukina akamari ni icaha ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ugukina akamari ?

Inyishu


Bibiliya ntitomora neza ivyerekeye kurwanya ivyo gukina akamari, gutiga (gutsiba), n’inkino zo kurushanwa umugisha (lotterie). Bibiliya iratuburira yamara ko tudakwiye kubohwa n’urukundo rw’amahera (1 Timoteyo 6:10; Abaheburayo 13:5). Ijambo ry’Imana riradutera intege ko dukwiye guhunga “itunga rije ryihuta” (Imigani 13:11; 23:5; Umusiguzi 5:10). Akamari ni uburyo bwo gukunda amahera kandi gahenda abantu ko bashobora gutunga mu buryo bunyarutse kandi butagoye.

None ingorane ziterwa n’akamari ni izihe ? Ugukina akamari ni ikibazo kigoye kwishura kuko iyo umuntu akina rimwe rimwe atari buri igihe, ni vyo ni ukwonona amahera, yamara kandi nta woca avuga ko ari bibi. Abantu bashobora kwonona amahera mu buryo butandukanye. Ugukina akamari si bwo buryo bwonyene bwo kwonona amahera, kuko abantu bashobora kuyononera mu kuraba amasinema (ivyo biba kenshi), kugura ivyo kurya bigurwa umurengera, canke kugura ibintu bidafise akamaro. Ariko kandi ukwonona amahera mu bindi bintu ntibikwiye kuba icitwazo co gukina akamari. Ntitwari dukwiye kwonona amahera. Amahera asigara ku yo dukoresha akwiye kubikwa kugira ngo azokoreshwe muri kazoza canke agatangwa mu gikorwa c’Imana, ntakwiye gushirwa mu kamari.

Naho Bibiliya itavuga mu buryo butomoye ivyerekeye akamari, iravuga ibihe “vy’amahirwe” canke “ibakwe.” Nk’akarorero, ubupfindo burakoreshwa mu gitabo c’Abalewi mu guhitamwo impfizi y’impene itangwa nk’ikimazi hamwe n’iyitongererwako ivyaha. Yosuwa yarakoresheje ubupfindo mu kugaburira igihugu imiryango itandukanye. Nehemiya yarakoresheje ubupfindo kugira ngo amenye abakwiye kuba mu gisagara kizitiwe ca Yerusalemu. Intumwa zarakoresheje ubupfindo mu gusubiriza Yuda. Mu Migani 16:33 havuga ngo, “Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, arik’uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho.”

None Bibiliya ivuga iki ku mazu bakiniramwo akamari ari yo bita Casino n’inkino zo guhiganwa umugisha ? Ayo mazu ya Casino akoresha uburyo bwose kugira ngo akwegakwege abakinyi b’akamari kugira ngo basohore amahera menshi ashoboka. Akenshi ayo mazu aratanga ku buntu inzoga za gusa canke inzoga ku biciro bito, ivyo bigakwegera abantu mu kaboregwe, maze bigatuma badashobora kwihitiramwo neza. Ibintu vyose bikorerwa muri ayo mazu bitunganijwe neza ku buryo bene ayo mazu batwara amahera menshi mugabo ataco bahaye abayatanze, kiretse uruhendo rw’ibibanezereza bitagira akamaro. Amashirahamwe y’inkino zo guhiganirwa umugisha agerageza kwiyerakana nk’ayashigikira inyigisho n’amashure/canke iyindi migambi y’iterambere ry’abanyagihugu. Yamara, ivyigwa vyarerekanye ko abaja muri izo nkino ari abantu b’uburyo buke mbere bibagora no kuronka amahera yo kugura amatike yo gukinisha muri izo nkino. Uruhendo rwo “gutunga mu buryo bunyarutse” ni ikigeragezo gikomeye, kigoye kunesha ku bantu bataye ivyizigiro vya kazoza. Amahirwe yo gutsindira amahera aba ari make cane, maze bigatuma ukubaho kw’abantu benshi kwononekara.

Mbega none gukina akamari no gukina inkino zo kurushanwa umugisha vyoba bihimbara Imana ? Abantu batari bake bavuga ko bakina akamari canke inkino zo kurushanwa umugisha kugira ngo baronke amahera yo gutanga mw’ishengero canke yo gufasha mu bindi bintu vyiza. Naho iyo ntumbero ishobora kuba ari inziza, ukuri ni uko ari abantu bake cane bashobora gukoresha mu bikorwa vy’Imana amahera baba baronse mu Kamari no muri izo nkino z’ukurushanwa umugisha. Ivyigwa mbere vyarerekanye ko abantu benshi mu bamaze gutsindira amahera menshi muri izo nkino bisanga bakenye, bamerewe nabi inyuma yo kuyaronka kurusha n’imbere y’igihe batari bwayaronke. Ni haba hariho abayakoresha mu gushigikira ibikorwa vyiza ni bake cane canke ntabo. Ikindi ni uko Imana idakeneye amahera yacu kugira ngo ishigikire umugambi wayo irangurira mw’isi. Mu Migani 13:11 havuga ngo, “Ubutunzi buronkeshejwe amagambo atagira ikimazi bugenda buyoka, arik’urundanya yitonze azokwunguka.” Imana ntitegekwa n’umuntu n’umwe kandi izomara ubukene ishengero ryayo biciye mu nzira z’ukuri. Mbega Imana yonezerezwa no kwakira amahera avuye mu gucuruza ibiyayura-mutwe canke ayibwe muri banke ? Ivyo ntivyoshoboka na gato. Ni nk’uko Imana idakeneye canke itagomba amahera “yibwe” mu bakene babeshwa ngo baronse inzira yo gutunga.

Muri 1 Timoteyo 6:10 dusoma ngo: “Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi.” Abaheburayo 13:5 haravuga ngo, “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubwayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.” Matayo 6:24 naho havuga hati: “Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi. Ntimushobora gusaba Imana n’itunga.”

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega ugukina akamari ni icaha ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ugukina akamari ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries