settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Ubukristo buvuga iki ku bijanye n’ukwiyahura ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyo kwiyahura ?

Inyishu


Bibiliya iravuga ku bantu batandatu biyahuye: Abimeleki (Abacamanza 9:54), Sauli (1 Samweli 31:4), uwatwaza Sauli ibirwanishwa (1 Samweli 31:4-6), Ahitofeli (2 Samweli 17:23), Zimuri (1 Abami 16:18), na Yuda (Matayo 27:5). Batanu muri abo bari abantu babi b’abanyavyaha (nta vyinshi bivugwa ku watwaza Sauli ibirwanishwa kugira ngo tugire ico tumuvugako). Bamwe batanga akarorero ka Samusoni ko na we ari mu biyahuye (Abacamanza 16:26-31), mugabo intumbero ya Samusoni kwari ukwica Abafilisitiya, ntikwari ukwiyica. Bibiliya ifata uwiyahuye koa ari co kimwe n’uwishe. Ni Imana yonyene gusa ikwiye gufata ingingo y’uko umuntu akwiye gupfa.

Dufatiye ku vyo Bibiliya ivuga, ukwiyahura si kwo kugena nimba umuntu aronka uburenganzira bwo kwinjira mw’ijuru canke ko ataburonka. Iyo umuntu atarakizwa yiyahuye, nta kindi aba akoze atari “ukwihutisha” urugendo rwiwe rwo kuja mu muriro. Yamara, uwo muntu aba yiyahuye aja mu muriro kuko aba yihakanye agakiza kabonerwa muri Kristo, atari kubera yuko yiyahuye. None Bibiliya ivuga iki ku Mukristo yiyahuye ? Bibiliya yigisha ko igihe umuntu yizeye Kristo, aba ahawe ubugingo budashira (Yohana 3:16). Bibiliya ivuga ko Abakristo bashobora kumenya badakekeranya ko bafise ubugingo budashira (1 Yohana 5:13). Nta kintu na kimwe gishobora gutandukanya Umukristo n’urukundo rw’Imana (Abaroma 8:38-39). Nimba ata na kimwe “mu vyaremwe” gishobora gutandukanya Umukristo n’urukundo rw’Imana, mbere n’Umukristo yiyahuye akaba ari muri ivyo “vyaremwe”, n’ukwiyahura ntigushobora gutandukanya Umukristo n’urukundo rw’Imana. Yesu yapfiriye ivyaha vyacu vyose, kandi iyo Umukristo w’ukuri ageze mu gihe co guterwa mu buryo bw’impwemu no mu gihe c’intege nke, maze bigashika akiyahura, n’ico caha naco kiri mu vyo amaraso ya Yesu atwikira.

Ukwiyahura ni icaha gikomeye imbere y’Imana. Bibiliya ivuga ko ukwiyahura ari ukwica; ukwiyahura ni bibi. Dukwiye kugira amakenga ku kwizera kw’umuntu avuga ko ari Umukristo mugabo hanyuma akiyahura. Nta kintu na kimwe gishobora gusobanura ko umuntu cane cane Umukristo yiyahura. Abakristo bahamagarirwa kubaho bashimisha Imana, kandi ni Imana yonyene ifise ububasha bwo kumenya igihe umuntu azopfira. Mu 1 Ab’i Korinto 3:15, naho hadasobanura ivyerekeye ukwiyahura, kumbure harashobora kutubwira ikiba igihe Umukristo yiyahuye: “Yamara ubgiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro.”

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Ubukristo buvuga iki ku bijanye n’ukwiyahura ? Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyo kwiyahura ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries