settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega vy’ukuri Bibiliya ni Ijambo ry’Imana ?

Inyishu


Inyishu yacu y’ico kibazo ni yo itomora ingene tubona Bibiliya n’akamaro kayo mu kubaho kwacu kandi iyo nyishu itugirira akamaro k’ibihe bidashira. Vy’ukuri Bibiliya ni yaba ari Ijambo ry’Imana, twari dukwiye kuyikunda, kuyiga, kuyumvira, no kuyizera yose ataco dusigaje inyuma. Bibiliya ni yaba ari Ijambo ry’Imana, ivyo bisobanura ko ukuyanka canke ukuyirengagiza ari ukwanka canke ukwirengagiza Imana ubwayo.

Kuba Imana yaraduhaye Bibiliya ni ikimenyetso n’akarorero k’ingene Imana idukunda. Ijambo “uguhishura” risobanura ko Imana yabwiye abantu uko ubwayo iri n’ingene dushobora kugirirana na yo imigenderanire myiza. Ivyo ni ibintu twebwe ubwacu tutari gushobora kumenya iyo Imana itabiduhishurira ubwayo muri Bibiliya. Naho Imana yihishuye muri Bibiliya buhoro buhoro mu kiringo kingana n’imyaka 1500, ico gitabo kirimwo ibintu vyose umuntu akenera kugira ngo amenye Imana maze bimufashe kugiriranira na yo imigenderanire myiza. Vy’ukuri Bibiliya ni yaba ari Ijambo ry’Imana, kubw’ivyo ni yo ifise ijambo rya nyuma ku birabana n’ukwizera, imigenzo y’amadini, n’inyifato nziza.

Ikibazo dutegerezwa kwibaza ni ingene twomenya ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana itari gusa kimwe mu bitabo vyiza ? Ni ikihe kintu gihambaye Bibiliya yisangije gituma itandukana n’ibindi bitabo vyerekeye amadini bimaze kwandikwa ? Hoba hari ikimenyetso cerekana ko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ? Ni ibibazo nk’ivyo bitegerezwa kwigwa neza kugira ngo dushobora kwerekana ko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, ryahumekewe na yo, kandi rikaba rifise ibikwiye ku bijanye n’ukwizera n’ukubaho kwacu.

Nta nkeka ko Bibiliya ubwayo yemeza ko ari Ijambo ry’Imana. Ivyo biraboneka neza igihe Paulo yariko arashingira intahe Timoteyo: “… kand’uzi ko uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu. Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu,no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ngo umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw’akore igikorwa ciza cose” (2 Timoteyo 3:15-17).

Hariho ibimenyetso biri imbere muri Bibiliya n’ibiri hanze yayo vyose vyemeza ko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Ibimenyetso vy’imbere ni vyo bintu biri muri Bibiliya biyishingira intahe ko yakomotse ku Mana. Kimwe muri ivyo bimenyetso vy’imbere vyerekana ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ni ubumwe buyiranga. Naho igizwe n’ibitabo mirongo itandatu na bitandatu bitandukanye, vyandikiwe mu migabane y’isi itatu, mu ndimi zitatu zidasa, mu mwanya ungana n’imyaka 1500, n’abanditsi barenga 40 baturuka mu mpande z’ubuzima zitandukanye, Bibiliya yagumye ari igitabo kirangwa n’ubumwe kuva mu ntango gushika kw’iherezo, ata kuvuguruzanya kurimwo. Bibiliya irisangije ubwo bumwe ugereranije n’ibindi bitabo kandi ni ikimenyetso cerekana ko abantu banditse amajambo ari muri yo bari barongowe n’Imana muri ukwo kwandika.

Ikindi kimenyetso c’imbere muri Bibiliya cerekana ko Bibiliya vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana ni ubuhanuzi bwanditswe muri yo. Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwinshi cane buvuga kuri kazoza k’amahanga nka Isirayeli, ibisagara bimwe bimwe, hamwe n’umuntu. Ubundi buhanuzi bwerekeye uwavuzwe ko azoba Mesiya, Umukiza w’abazomwizera bose. Itandukaniro ry’ubuhanuzi dusanga mu bindi bitabo vy’amadini vyanditswe n’abandi bantu nk’uwitwa Nostradamus ni uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwitondewe cane kandi bukaba butondekeshejwe neza. Mw’Isezerano rya Kera harimwo ubuhanuzi burenga amajana bwerekeye Yesu Kristo. Bibiliya yaravuze aho azovukira n’umuryango wiwe azovukiramwo yongera iravuga n’ingene azopfa n’uko azozuka. Nta bundi buryo bufatiye ku bwenge bw’umuntu twosobanuramwo ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwashikijwe tutavuze ko bwaturutse ku Mana. Nta kindi gitabo cerekeye amadini kirimwo ubuhanuzi buvuga ibizoba nk’uko tubibona muri Bibiliya.

Ikindi kimenyetso kigira gatatu cerekana ko Bibiliya yaturutse ku Mana ni ubushobozi bwayo n’ububasha bwayo budasanzwe. Naho ico kimenyetso kitagaragara cane nk’ivyo bibiri vya mbere, na co nyene ni igishingantahe gikomeye cerekana ko Bibiliya yakomotse ku Mana. Ububasha bwa Bibiliya buratandukanye n’ubw’ibindi bitabo vyanditswe. Ubwo bubasha n’ubushobozi bugaragarira neza mu kungene ubuzima bw’abantu benshi bwahinduwe n’ubushobozi budasanzwe bw’Ijambo ry’Imana. Abari baraboshwe n’ibiyayura-mutwe bakijijwe na bwo, abagabo barongora abandi bagabo babohorwa n’ubwo bushobozi, abari inyererezi n’abatagira icepfo ca ruguru bahindurwa na bwo, abari inkozi z’ibibi na bo burabahindura, abanyavyaha bubatoza indero, kandi ahari urwanko bwahazanye urukundo. Bibiliya irafise ububasha budasanzwe kandi buhindura ata kindi kibuzana atari Ijambo ry’Imana.

Hariho n’ibimenyetso biri hanze ya Bibiliya na vyo vyerekana ko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Kimwe muri ivyo ni akahise kayo. Kubera yuko Bibiliya yerekana ibintu vya kahise, bitegerezwa gusuzumwa kugira ngo biboneke ko ari ivy’ukuri nk’uko bikorwa ku bindi bitabo bidonda kahise. Biciye mw’isuzumwa ry’ibimenyetso vya kahise bikurwa musi y’ubutaka (archéologie) hamwe n’izindi nyandiko, ivyo Bibiliya ivuga vyerekeye kahise vyagiye biragaragara ko ari ukuri kandi ko bitomoye. Ivyo bimenyetso tumaze kuvuga, vyaba ibironderwa musi y’ubutaka canke izo nyandiko vyose bishingira intahe Bibiliya ko ari co gitabo kirimwo amakuru menshi ya kera kandi canditswe neza mu bindi vyanditswe mw’isi ya kera. Ukuba Bibiliya idondora neza mu buryo butomoye kandi bw’ukuri ivya kahise ni ikimenyetso gikomeye cerekana ko ari iy’ukuri igihe ivuga ku bibazo vyerekeye amadini n’ivyizerwa kandi ivyo bikaza vyiyongera ku vyo ivuga ko ari Ijambo ry’Imana.

Ikindi kimenyetso kiri hanze ya Bibiliya cemeza ko ari Ijambo ry’Imana ni uko abantu bayanditse bari inyankamugayo. Nk’uko twamaze kubivuga, Imana yakoresheje abantu baturuka mu mpande zose z’ubuzima kugira ngo bandike amajambo yayo. Umuntu yitegereje neza ukubaho kw’abo bantu, tubona ko bose bari imvugakuri kandi ntibagira uburyarya. Ukuba batatinya kwicwa mbere kenshi urupfu rw’agashinyaguro bahagarariye ivyo bizera, ivyo vyerekana ko abo bantu, naho bari abasanzwe mugabo kandi bari imvugakuri, kandi bakaba barizera ko vy’ukuri ari Imana yavuganye na bo. Abanditse Isezerano Risha co kimwe n’abandi bizera isinzi (1 Ab’I Korinto 15:6) bari bazi ukuri kw’ubutumwa bavuga kuko bari bariboneye Yesu Kristo kandi bakaba bari barabanye na we amaze kuzuka mu bapfuye. Ukubona Kristo yazutse vyarabakozeko cane. Baciye banyeguruka bava mu bwoba maze barahagarara bemera no gupfa kubw’ubutumwa Imana yari yarabahishuriye. Ukubaho kwabo n’ukwicwa kwabo bishingira intahe Bibiliya ko vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana.

ikimenyetso ca nyuma gishingira intahe Bibiliye ko vy’ukuri ari Ijambo ryImana ni uko ata n’umwe yashoboye kuyizimanganya. Kubera akamaro kayo n’uko ubwayo yishingira intahe ko ari Ijambo ry’Imana, muri kahise nta kindi gitabo cagwanijwe ngo kizimanganywe nka Bibiliya. Kuva mu gihe c’abami ba kera b’Abaroma nk’uwitwa Dioclétien, ugaca mu gihe c’intwaro z’umukazo z’aba Komunista, gushika mu gihe c’uno musi kirangwa n’abatemera Imana co kimwe n’abakekeranya ko iriho, Bibiliya yagumye ihangamye, iratsinda abayirwanya bose kandi gushika uno musi ni co gitabo gisohoka kurusha ibindi vyose mw’isi.

Mu gihe kitari gito, abatemera Bibiliya bayifata nk’aho ari igitabo c’imigani, ariko abakora ubushakashatsi bwa kahise bafatiye ku biri musi y’ubutaka (archéologie) barashoboye kwemeza ko ivyo ivuga vyabaye muri kahise. Abateyemera kandi bararwanije inyigisho zayo bavuga ko zataye igihe, yamara, inyigisho zayo zerekeye ukugira ingeso nziza no kurondera ubutungane mu bantu zarafashije ibihugu n’imigwi myinshi y’abantu bo mw’isi. Na n’uyu musi, abigira abahinga, abanyabwege, n’imigwi imwe imwe ya politike barabandanya kurwanya Bibiliya, yamara yo iguma ari iy’ukuri gushika uno musi nk’uko yari iri igihe yandikwa. Ni co gitabo cahinduye ubuzima bw’abantu benshi n’imigenzo yabo mu myaka 2000 iheze. Naho abatayemera badahengeshanya kuyirwanya, kurondera kuyizimanganya, kuyitesha agaciro, Bibiliya iguma ihagaze; ukuri kwayo n'ubushobozi bwayo ku bantu buguma ari ntakuka. Ukuba yaragumye irashe itagira amakosa naho benshi bagerageje kuyitosekaza, kuyirwanya, canke kuyizimanganya ni igishingantahe gikomeye cemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana kandi ko ari Imana iyizigama mu buryo bw’igitangaza. Rero ntidukwiye gutangara ko naho abatemera Bibiliya ata co batakoze mu kuyirwanya iguma uko yari iri idahindutse canke ngo itosekazwe. Yesu ubwiwe yavuze ati, “Ijuru n’isi bizorangira, arikw’amajambo yanje nta co azoba” (Mariko 13:31). Rero umuntu amaze kwitegereza ivyo vyemezo, ashobora kuvuga ata gukekeranya ko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega vy’ukuri Bibiliya ni Ijambo ry’Imana ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries