settings icon
share icon
Ikibazo

Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe n’Imana ?

Inyishu


Ikibazo : Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe n’Imana ?

Inyishu :

Ijambo ’ guharira ’ risigura kugirira imbabazi uwari yagirijwe ikintu, bikamera nkuko ataco yakoze. Iyo tubabaje umuntu, turasaba imbabazi kugira ngo dusubire kw’umvikana.

Imbabazi ntizitangwa kubera umuntu abikwiye. Ntanumwe abikwiye ! Guharira n’igikorwa c’urukundo, ubuntu n’imbabazi. Guharira n’ ugutora kurekurira uwundi yoba yakugiriye nabi, naho yoba yakubabaje cane.

Bibiriya iratubwira, yuko twese dukeneye imbabazi ziva ku Mana. Twese turabacumuzi.Umusiguzi 7 :20 havuga ngo: ’ N’ukuri nta mugororotsi ariho kw’isi akora ivyiza ntacumure ’ 1Yohana1 :8 nay’ iravuga ’ Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge ’ Ibicumuro vyose biza bigarariza Imana. Kubgivyo, turakeneye cane imbabazi z’Imana. Ivyaha vyacu bidahariwe tukiri kuri ino si, tuzomara ubugingo budashira twishura ingero yavyo.

IMBABAZI- Mbega nozironka gute ?

Imana ishimwe, kubera iradukunda kandi yama itugirira ubuntu- ntiyigera iteba kuduharira ivyaha ! 2 Petero 3 :9 iratubwira: ’Umwami Imana ntitebeje isezereno ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. ’ Imana yifuza kuduharira, kandi kubgivyo yaratanze uburyo.

Igihano c’ukuri kijanye n’ivyaha vyacu n’urupfu. Igice ca mbere c’Abaroma 6 :23 kiravuga ngo ’ Ingero y’icaha n’urupfu’ ’Urupfu ibihe bidashira, n’ irwo twari dukwiye kubg’ ivyaha vyacu. Imana mu bwiza n’imigambi yayo, yaraje iba Muntu ’ Yesu Kristo (Yohani 1 :1-14). Yesu yapfira k’ umusaraba, azira ivyaha vyacu. Yaronse igihano twari kuronka- urupfu. 2 Ab’Ikorinto 5 :21, iratubwira ’ Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugoroka kw’Imana ’. Yesu yaradupfiriye k’umusaraba, kubg’ivyaha vyacu. Kubera ari Imana, Urupfu rw’iwe rwaduhaye imbabazi twese, kw’isi yose.1Yohana 2:2 iravuga ngo ’ kand’uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ivyacu twenyene,ariko n’iy’ ivy’abari mw’isi bose. ’ Ukuzuka kwa Yesu mu bapfuye, cabaye icete kizima cerekana Intsinzi yiwe k’urupfu n’icaha (1 Ab’Ikorinto15 :1-28). Imana ishimwe, mu rupfu no kuzuka kwa Yesu Kristo, igice ca kabiri c’Abaroma 6 :23 kivuga ukuri ’ ’Ingabire Y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami Wacu .’

Urashaka ko Ivyaha vyawe biharirwa ? Woba wumva muri wewe harico wiyagiriza ? Urashobora kuronka Imbabazi, ushize ukwizera kwawe muri Yesu Kristo nk ’Umwami wawe. Abanyefeso1 :7 ivuga ’ Muri We ni ho duherwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu,nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri ’ Yesu yaraturihiye ivyo twari dutegerezwa kuriha, kugira ngo dushobore guharirwa. Ico gusa utegerezwa gukora ni gusaba Imana ikaguharira iciye mu Mwana wayo Yesu, mu kwizera yuko Yesu yarishe iryo deni ryawe ; Kandi Imana iraguharira ! Yohana 3 :16-17 irimwo ubwo butumwa bwiza ’ Kuko urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo uw’ikinege, ng’umwizera wese nt’aze apfe rubi, arikw’ahabge ubugingo budashira. Kukw’Imana itatumye Umwana wayo gucira abari mw’isi urubanza, ariko ngw abari mw’isi bakizwe nawe.’

Guharira- mbe vyoroshe nkuko tuvyumva ?

Ego vyororoshe gutyo ! ntushobora ’ gukorera ’ imbabazi z’Imana- ntaco ushobora gutanga kugira uzironke. Ushobora kuzakira gusa, uciye mu kw’izera, ku buntu nu bwiza bg’Imana. N’iyaba wifuza kw’akira Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza kugira uronke izo mbabazi zivuye ku Mana, Senga irisengesho. Wibuke yuko gusenga gutya canke ukundi atarivyo bigukiza. Ni kwizera Yesu Kristo n’ububasha bgiwe bigukura mu vyaha vyawe. Vuga uti: ’ Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ndazi ko nkwiye igihano. Muga Yesu Kristo yikoreye ico gihano kubwanje, kugira ngo m’ukumwizera nshobore guharirwa. Ndashize ivyizigiro vyanje kuri wewe Yesu, kugira ndokoke. Ndagushimira ku mbabazi n’ubuntu ungiriye. Amen ’

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe n’Imana ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries