settings icon
share icon
Ikibazo

Ni igiki kiba inyuma y’urupfu ?

Inyishu


Abakristo benshi barazazanirwa n’ivyerekeye ibikurikira inyuma y’urupfu rw’umuntu. Bamwe bigisha ko inyuma y’urupfu abantu bose “basinzira” gushika ku musi w’urubanza rwa nyuma, maze inyuma yarwo bamwe bakarungikwa mw’ijuru abandi mu muriro. Abandi bizera ko mu gihe co gupfa ariho abantu baca bacirwa urubanza maze bakarungikwa aho bazoba ibihe bidashira. Abandi nabo bemeza ko igihe abantu bapfuye, impwemu canke imishaha yabo ica irungikwa mw’ijuru canke mu muriro “vy’imfatakibanza” kugira ngo zirindirireho ukuzuka kwa nyuma n’urubanza rwa nyuma, hanyuma babone gushika aho bazoba ibihe bidashira. None Bibiliya ivuga iki ku bishika inyuma y’urupfu ?

Ubwa mbere, duhereye ku bizera Yesu Kristo, Bibiliya itubwira ko inyuma y’urupfu impwemu/imishaha y’abapfuye bizera ijanwa mw’ijuru, kubera ivyaha vyabo vyahariwe bamaze kwakira Kristo nk’Umukiza wabo (Yohana 3:16, 18, 36). Ku bizera, ugupfa ni “ukuba i wacu ku Mwami wacu” (2 Ab’i Korinto 5:6-8; Ab’i Filipi 1:23). Yamara, imirongo nka 1 Ab’i Korinto 15:50-54 na 1 Tesalonike 4:13-17 irasobanura ingene abizera bazozuka hanyuma bakambikwa imibiri y’ubwiza. None nimba abizera baja kubana na Kristo inyuma y’urupfu, none intumbero y’ukwo kuzuka ni iyihe ? Biboneka ko impwemu/imishaha y’abizera ija kubana na Kristo inyuma y’urupfu, maze imibiri yabo ikaguma mu mva “isinziriye.” Mu gihe co kuzuka, umubiri uzozuka, uhabwe ubwiza hanyuma wongere ufatanywe n’impwemu/umushaha. Uyo mubiri wongeye gufatanywa n’impwemu/umushaha ni wo abizera bazogira mu bihe bidashira mw’ijuru risha n’isi nsha (Ivyahishuriwe Yohana 21-22).

Ubugira kabiri, ku batarakira Yesu Kristo nk’Umukiza wabo, urupfu rusobanura igihano c’ibihe bidashira. Yamara nk’uko biri kuri kazoza k’abizera, n’abatizera nabo biboneka ko barungikwa ahantu baba bararindirira ukuzuka n’urubanza rwa nyuma hamwe n’ibihe bidashira. Muri Luka 16:22-23 haratubwira ivyerekeye umutunzi yariko araseserezwa inyuma y’urupfu. Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15 haratwereka ingene abatizera bose bazozuka, bacirwe urubanza imbere y’intebe nini yera, hanyuma batabwe mu kiyaga caka umuriro. Kubw’ivyo, abatizera ntibaca barungikwa mu muriro (ikiyaga caka umuriro) inyuma y’urupfu, ahubwo baja ahantu h’imfatakibanza barindiriye imanza no gucirwako iteka. Ariko naho abatizera badashoka barungikwa mu kiyaga caka umuriro, ibibashikira inyuma y’urupfu si ivyiza. Wa mutunzi yaraboroze ati: “Kuko nseserejwe mur’ubu rubeya” (Luka 16:24).

Kubw’ivyo rero, inyuma y’urupfu, umuntu aca aja kurindirira mw’ijuru canke mu muriro h’imfatakibanza. Inyuma y’ico gihe c’imfatakibanza, mu gihe co kuzuka kwa nyuma, ibihe bidashira ku muntu ntibizohinduka. “Ikibanza” nyezina c’aho hantu azoba ibihe bidashira nico kizohinduka. Mu mpera, abizera bazokwinjizwa mw’ijuru risha no mw’isi nsha (Ivyahishuriwe Yohana 21:1). Abatizera nabo bazorungikwa mu kiyaga caka umuriro (Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15). Ayo rero ni yo maherezo y’abantu bose—bifatiye ko bizeye Yesu Kristo bakaronka agakiza canke ko batamwizeye (Matayo 25:46; Yohana 3:36).

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Ni igiki kiba inyuma y’urupfu ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries